Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
BAPA : Inzoga ni kimwe mu bituma umukenyezi w’umurundikazi adatera (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > BAPA : Inzoga ni kimwe mu bituma umukenyezi w’umurundikazi adatera (...)

BAPA : Inzoga ni kimwe mu bituma umukenyezi w’umurundikazi adatera imbere

lundi 9 Ntwarante 2015, par IGIHE

Mu runani BAPA (Burundi Alcohol Policy Alliance)rusanzwe ruhirikiyemwo amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike FOCODE, PARCEM ,ABUCO n’ayandi bavuga ko inzoga ziri mu mvo zituma umukenyezi w’umurundikazi adatera imbere.

Muri BAPA bavuga ko bababazwa n’uko mu cigwa cakozwe n’ishirahamwe mpuzamakungu IOGT international NTO Movement, mu karere k’Afrika y’Ubuseruko gusa, ku bakenyezi 4600 basanze, ica gatatu (1/3) bavuga ko bahohotewe mu gufatwa ku nguvu hakoreshejwe inzoga, ica kane(1/3), bavuga ko bakubiswe n’abafasha babo kuko banyoye inzoga, ica gatandatu naco cabo (1/6) bavuga ko harabagabo bashurashujwe batavyumvikanyeko, bitumwe n’inzoga.

Muri BAPA baratangazwa kandi ni ukungene inzoga zitemewe n’amategeko zibandanya zikwiragizwa zikadandazwa ku butaka bw’Uburundi , bakababazwa ni ukungene mu bice bimwe, usanga bamwe mu bajejwe intwaro hamwe n’abaporisi bafashanya nabo bazikora, mbere ntihagire nico bakora kugira ntibibandanya bisongera isibe mw’iterambere ry’abanyagihugu muri rusangi, ni ry’umukenyezi vy’umwihariko. Muri BAPA bariyamiriza kandi bivuye inyuma ihohoterwa ryose rigirirwa umukenyezi hamwe n’umwigeme, ivyo navyo, ugasanga bikorwa n’abagabo ahanini, aho bagira ikiraro inzoga kugira bakubagure abo bubakanye.

Muri iryo tangazo babandanya bavuga kandi ko, babazwa no kubona ata mugambi w’igihugu uriho urwanya inzoga, akaba ata mategeko ahari ajanye no kuzibuza, kandi amashirahamwe amwe amwe yitaho amagara y’abantu nka OMS amaze kwerekana ingaruka mbi ziterwa n’inzoga, mbere zikaba zifise n’ingaruka mu gisata c’imibano, poritike, ubutunzi n’ibindi.

Kuri ivyo vyose, mu runani BAPA bavuga ko inzoga zituma hatabaho iterambere muri rusangi no ku mukenyezi vy’umwihariko. Ibihano kandi bikwiye gufatwa kuri uwo wese akoresha amayeri na cane cane inzoga mu guhenda abigeme . Mu runani BAPA bavuga ko bashima utwigoro tumaze kugirwa n’igiporisi c’igihugu, mu ntumbero yo gukinga ariko bavuga ko bafise impungenge kubona ata tegeko na rimwe rishigikira utwo twigoro.

Mu runani BAPA basaba Reta y’ Uburundi gushiraho ingingo ruhasha zibuza abana bakiri bato batarakwiza imyaka cumi n’umunani nko kuronka inzoga mu bunywero. Ikindi basaba ni ishingwa ry’ umugambi w’igihugu ugenga ikorwa, inywa hamwe n’idandazwa ry’inzoga. Urunani BAPA ruhamagarira abo bose vyega gufasha kugira amategeko ashobore kujaho mu vyerekeye inzoga.

Iryo tangazo ryatewe ko igikumu na Seraphine Manirambona, umukuru w’urwo runani, akavuga ko barisohoye mu ntumbero yo kwigina umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi wama uhimbazwa ku magenekerezo ya 8 Ntwarante uko umwaka utashe. mu runani BAPA bakaba bawuhimbaje ku civugo , inzoga intambamyi nyamukuru ku vyerekeye inganishwa rijanye n’igitsina, hamwe no kw’iterambere ry’umukenyezi .


Floxella Karire

Messages

  • Inzoga burya zirabangamiye ibisata vyinshi vy’ubuzima bw’igihugu.
    Mu minsi zizotoba amatora.

    Il faut que nous soyons avertis de l’impact de l’alcool sur le resultat electoral.

    Merci cher Groupe IGIHE......

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.