Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urunani COPA rwatanze uwuzoruserukira mu matora y’umukuru w’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Urunani COPA rwatanze uwuzoruserukira mu matora y’umukuru w’igihugu

Urunani COPA rwatanze uwuzoruserukira mu matora y’umukuru w’igihugu

mardi 21 Ndamukiza 2015

Imigambwe ihurikiye mu runani COPA yatanze Jean de Dieu Mutabazi kugira aze aruserukire mu matora.

JPEG - 79 ko
Jean de Dieu Mutabazi asanzwe arongoye umugambwe RADEBU

Jean de Dieu Mutabazi asanzwe arongoye umugambwe RADEBU Akaba yizewe n’urwo runani yarasanzwe arongoye COPA (coalition des partis politiques pour une opposition participative), kugira aze ahiganwe mu matora y’umukuru w’igihugu yo muri uyu mwaka w’2015. Urwo runani rero rukaba ruzoshira imbere ukurwanya inzara, ico bise ‘’Faim zero’’. Mutabazi rero akaba asaba abariko barahiganirwa ibibanza mu matora, guhimiriza abo barongoye mu kwitaba amatora, kugira baze bahindure ibintu kw’ijwi ry’umunyagihugu.

Urwo runni rukaba rugize kabiri ruvuze uwuzitoza, inyuma y’umukenguzamateka Domisiyano Ndayizeye azoserukira urunani RANAC. Izindi nani nka ADC Ikibiri canke Abigenga Amizero y’Abarundi barongowe na Agaton Rwasa n’umushingamateka Karori Nditije, n’umugambwe uri kubutegetsi, bakaba bataravuga uwuzobaserukira mu matora. Abandi bamaze kumenyekana ko bazohiganwa muri ayo matora, bakaba ari bamwe mu bigenga.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.