Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urunani rw’abitanga rusaba Leta gushiraho amategeko abagenga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urunani rw’abitanga rusaba Leta gushiraho amategeko abagenga

Urunani rw’abitanga rusaba Leta gushiraho amategeko abagenga

samedi 29 Ruheshi 2013

Urunani rw’abitanga Espace Volontaire rwari ruramutse ruhimbaza isabukuru y’umwaka rumaze rukorera mu Burundi. Urwo runani rukomoka mu gihugu c’Ubufaransa rukaba rukorera mu bihugu bigera ku mirongo itanu muri Afrika, Uburaya na Asiya.

Muri Afrika rukorera mu karere k’ibiyaga binini ni ukuvuga Uburundi, Urwanda, hamwe n’akarere ka Kivu muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo. Ku ruhande rwa Leta, hari umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imicokama Adolphe Rukenkanya. Ku bwiwe na Leta y’Uburundi yari yaserukiye muri ivyo birori, yashimiye urunani Espace Volontaraires ku bwitange kugira abatazi mu Burundi babe benshi bongere kandi bahigire ubuhinga ku bijanye n’ukwitanga.

Uwaserukiye Espace Volontaire Licius Karenzo, yashikirije ivyaranguwe n’urwo runani mu mwaka rumaze rukora. Avuga ko mu ntango bateye igikumu ku masezerano yo Gufashanya na Leta y’Uburundi. Yabandanije amenyasha ibikorwa nyamukuru bakora hari kwakira abantu bashaka kumenya ibijanye no kwitanga, aha rero avuga ko bigishije abatari bake, kandi vyarafashije cane mu kumenya ibijanye no kwitanga.

Barafasha kandi n’iyindi mirwi ivuka kugira ishobore kwitanga nk’uko iba yavyiyemeje. Asaba ubutegetsi ko bwoshiraho amategeko aranga iyo mirwi yo kwitanga. Mu mwaka uheze bakiriye abangana na 18 ariko uyu mwaka bakiriye 47. Ikindi gihambaye, barateguye inama yo guhanahana ivyiyumviro hagati y’amashirahamwe y’abitanga.

Yarangije amenyesha ko uyu mwaka bagiye kurushiriza uko batanguye, bongere bahimirize abarundi mu bijanye no kwitanga.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.