Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urunani Twitezimbere rusaba urwaruka kwirinda abanyeporitike (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urunani Twitezimbere rusaba urwaruka kwirinda abanyeporitike (...)

Urunani Twitezimbere rusaba urwaruka kwirinda abanyeporitike baruhenda

samedi 10 Nzero 2015

Ishirahamwe Urunani Twitezimbere rutera akamo urwaruka kwijukira ibikorwa bibateza imbere bakareka gukurikira abanyeporitike babahenda, rimwe na rimwe bakabajana mu bikorwa bibi vy’ubugizi bwa nabi n’ibindi.

Umukuru w’ishirahamwe Urunani Twitezimbere yabishikirije kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 9 Nzero, mu gihe iryo shirahamwe ryari riramutse ritanga impamyabushobozi ku bakozi bo mu nzu n’abadandaza bato bato mirongo ibiri na batanu (25) bakurikiranye inyigisho zo gukinjika hamwe n’icongereza, mu kiringo c’umwaka wose, babifashijwemwo n’iryo shirahamwe Twitezimbere, ibirori bikaba vyabereye ahitwa kw’iraro mu gisagara ca Bujumbura.
Kari n’akaryo kandi ko kwigina imyaka ibiri iryo shirahamwe rimaze rivutse hamwe no kwifurizanya umwaka mushasha w’2015.

Iryo shirahamwe Urunani Twitezimbere rihurikiyemwo abakozi bo mu nzu abo twita ababoyi n’abayaya hamwe n’abadandaza bato bato bashika ku 320. Bakaba babigisha ibitari bike nko gusoma n’ukwandika, uburyo bwo kurima no kworora, kurera abana, uko umuntu yoshobora kwibeshaho n’ingene yokwitunganiriza imigambi, icongereza guteka n’izindi nyifato bashobora kugira imbere y’abakoresha babo.
Ferederiko Nshimirimana, umukuru w’iryo shirahamwe yakeje abashoboye kuronka impamyabushobozi, yongera abasaba kuja gushira mu ngiro ivyo bize, abipfuriza gutera imbere, yongeye asaba abagira neza kubafata mu mugongo. Yaboneyeho n’akaryo ko gusaba urwaruka kwirinda abanyeporitike baruhenda bakarujana mu bikorwa bibi, aboneraho kubatera akamo ko kwijukira ibikorwa n’imyuga vyo bishobora kubateza imbere.

JPEG - 23.8 ko
Ferederiko Nshimirimana, umukuru w’iryo shirahamwe

Abakurikiranye inyigisho barashima

Kari akanyamuneza no ku ruhande rw’abaronkejwe izo mpamyabushobozi, nk’uko Samuel Manirambona yabitwiganiye, "Ndashimira urunani Twitwezimbere rwaturondereye abigisha baza kuduha inyigisho zizodufasha kwibeshaho."
Samuel ahamagarira abandi bakozi bo mu nzu kuja mu runani Twitezimbere hamwe no mu yandi mashirahamwe.

Abakoresha bari baje gushigikira abo bakozi babo

Ku ruhande rw’abakoresha b’abo bakozi bari baje kubashigikira, kari akanyamuneza ntangere bakaba basavye ko amashirahamwe nk’ayo yoduga agashika no hagati mu gihugu.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.