Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyarwanda baba mu Burundi barahimbaje isabukuru y’ukubohoza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Abanyarwanda baba mu Burundi barahimbaje isabukuru y’ukubohoza (...)

Abanyarwanda baba mu Burundi barahimbaje isabukuru y’ukubohoza igihugu

vendredi 5 Mukakaro 2013

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 4 Mukakaro, niho igihugu kibanyi c’Urwanda cahimbaza imyaka 19 kimaze habaye ukwibohora mu ntwaro y’amacakubiri ndetse yahitanye isinzi ry’abanyagihugu, kakaba kaciye kaba n’akaryo ko guhimbaza imyaka 51 ico gihugu kimaze kironse intahe y’ukwikukira aho hari ku wa mbere Mukakaro umwaka w’1962.

Nk’uko ivyo birori vyahimbajwe mu gihugu c’Urwanda, no mu Burundi vyariko birahahimbazwa aho kuri Hotel Ubuntu Residence hari hakoraniye abanyacubahiro batandukanye. Aha twovuga nk’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu, Shingiro Albert,abahoze barongoye Uburumdi, abashingamateka, abakenguzamateka, abashikiranganji batandukanye bo muri Leta y’Uburundi, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abarongoye amashirahamwe mpuzamakungu, n’abanyarwanda baba mu Burundi. Maze ijambo ry’uyo munsi riraheza rishikirizwa na Desire Nyaruhirira ajejwe gutunganya ibikorwa mu buserukizi bw’Urwanda mu Burundi.

JPEG - 38.6 ko
umutunganyabikorwa mu buserukizi bwa Republika y’Urwanda i Bujumbura, Desire Nyaruhirira

Mw’ijambo ryiwe rero, umutunganyabikorwa mu buserukizi bwa Republika y’Urwanda i Bujumbura, yabanje gushimira abatumire bahire kuba bashoboye kwitaba ubutumire babahaye mu kuza kwifatikanya nabo aho bariko barahimbaza umunsi w’ukwibohora ndetse bikajana n’umunsi baronkeyeko intahe y’ukwikukira. Imyaka 51 Urwanda rwikukiye , n’imyaka 19 y’ukubohora igihugu cabo. Desire Nyaruhirira rero akaba yaronkeyeho n’akaryo ko gushimira abarundi ku rukundo berekanye mu kwakira umukuru w’igihugu c’Urwanda Nyenicubahiro Paul Kagame, aho yatera iteka ibirori vy’ukwibuka imyaka 51 yari irangiye igihugu c’Uburundi kironse intahe y’Ukwikukira.

Twobibutsa ko Uburundi co kimwe n’Urwanda baronkeye iyo ntahe y’ukwikukira umunsi umwe, igenekerezo rimwe eka n’umwaka umwe. Urugendo rwa Paul Kagame umukuru w’igihugu c’Urwanda mu Burundi, rwerekanye atagukekeranya ubucuti bwiza buri hagati y’ivyo bihugu vyose ukwo ari bibiri. Yabandanije avuga ko uyo munsi ari umunsi wo kwibuka ku banyarwanda bose iyo bava bakagera, bakibuka kahise k’igihugu cabo bamaze kuronka intahe y’ukwikukira, ndetse bakaraba aho bavuye n’aho bageze bagaheza rero bakahakura icirwa, icirwa ndetse kibashikana ku kwubaka Urwanda rwiza.

Yabandanije kandi askiriza ko Urwanda rwakoze uko rushobora maze rurashika ku ntahe y’Ukwikukira, nk’uko cari igihe ibihugu nka vyose vyo muri Africa vyariko biriruka n’iyo ntahe. Ariko rero igice c’abanyarwanda bakaba bari bamaze imyaka itatu imbere yo kwikukira, maze bateshwa izabo, bahunga igihugu, aho hari mu mwaka w’1959. Avuga ko intwaro ya gikoroni atakindi yatuzaniye atari ukuryanisha abonse rimwe, gucura bufuni na buhoro abanyagihugu, bakabatesha ubuntu ndetse n’amacakubiri muri ico gihe. Ku bw’abanyarwanda bose rero, umunsi mukuru w’ukwikukira ni umunsi Urwanda rwabohoka, inyuma yaho abari bahurikiye muri Forces de Defences Rwandaises FPR bahavuye bitwa Armée Patriotique Rwandaise igihe bafata igisagara ca Kigali kw’igenekerezo rya 4 Mukakaro mu mwaka w’’1994, ndetse FPR igaca ihagarika ihonyabwoko ryariko rikorerwa abatutsi muri uyo mwaka w’1994.

Urwanda rero ngo ni igihugu c’unze ubumwe hagati y’abanyagihugu, kandi cafashe intumbero yo guteza imbere igihugu cabo. Mu gisata c’ubutunzi, abanyagihugu b’ Urwanda barateye intambwe iboneka kuko umunyagihugu wese ubu hagereranywa ko aronka amafaranga angana hagati y’amanyaburaya 227 gushika kuri 467, ivyo bikaba ari ibitigiri vyo kuva mu mwaka w’2000 gushika mu mwaka w’2011. Mu cegeranya ca DOING BUSINESS mu bihugu 183, igihugu c’Urwanda cabaye ica 45 mu mwaka w’2012. Igihugu c’Urwanda ngo gikoresha neza imfashanyo ziva hanze y’igihugu ivyo rero bigatuma ubukene bugabanuka mu banyagihugu kuko imfasahanyo ziba zakoreshejwe ico ziba zagenewe, ndetse ivyo bikerekanwa n’ibitigiri vyerekana igabanuka ry’ubukene mu banyagihugu.

Ubukene mu banyagihugu bwavuye ku bice 44,9 gushika kuri 56,7 mu mwaka w’2006. Abanyarwanda barazi ko iterambere ry’igihugu cabo rizova muri bo nyene, ko aribo babwirijwe guteza imbere igihugu cabo, mu kwirukana ubukene, ivyo vyose bikava no mu migambi ya Leta y’Urwanda aho umugambi "gira inka munyarwanda", ari umugambi aho umunyagihugu wese ahamagarirwa gutunga inka mu rugo iwe. Abandanya avuga ko Afrika itegerezwa gutora uburyo itegerezwa gutorera umuti ingorane zihanze abanyagihugu bayo, mu mico yabo, batarinze kweza amaso iyo batazi izo mfashanyo zizozanana. Ivyo rero bikazotuma abanyafrika bikura buhoro buhoro ku mfashanyo mvamahanga ziza ndetse ziherekejwe n’amategeko aremereye nk’amabuye.

Mu gisata ca politike n’umutekano, avuga ko amatora yigenga kandi ataho ahengamiye, ndetse abera ku mugaragaro, inzego ziyashinzwe zija ziriho, eka igihugu kikaba gifise intumbero yo kwegereza abanyagihugu ubutegetsi. Intwaro ibereye ikaba atari agaseseshwa rumuri co kimwe n’ukunywanisha abanyagihugu. Umutekano mu gihugu hagati ni mwiza bivanye ko abajejwe intwaro n’abanyagihugu bakorana neza. Muri iki gihe, ibihugu bivukanyi vy’Urwanda n’Uburundi bimaze imyaka 51 bimaze bironse intahe y’ukwikukira, imigenderanire yavyo ni myiza cane ndetse n’ugufashanya bikaba vyifashe neza. Imigenderanire myiza rero yerekanwa n’inama nyinshi zagiye ziraba, akavuga nk’inama rukokoma igira umunani yahuje abarundi n’abanyarwanda mu vy’ugufashanya yabereye mu gisagara ca Bujumbura kw’igenekerezo rya 8 Rusama umwaka w’2013. Iyo nama rukokoma ikaba yari irongowe n’abashikiranganji b’imigenderanire b’ivyo bihugu vyose ukwo ari bibiri.

Desire Nyaruhiriraa akaba yarangije ijambo ryiwe avuga ko imigenderanire y’ibihugu vyabo vyose igiye gukomezwa kuruta, ndetse imigambi ivyo bihugu bisangiye ikazorangurwa muri uyu mwaka.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.