Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urwaruka rubwirizwa guhindura ingendo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urwaruka rubwirizwa guhindura ingendo

Urwaruka rubwirizwa guhindura ingendo

mercredi 9 Nzero 2013

Ishirahamwe ry ‘urwaruka Jamaa ni ishirahamwe ryashinzwe mu mwaka w’1995 inyuma y’urwimo rwo kuva mu mwaka wa 1993 mu ntumbero yo kwiteza imbere no guteza imbere igihugu.

Iciyumviro nyamukuru mu gutanguza iryo shirahamwe kwari ukunywanisha urwaruka rwatandukanijwe n’intambara rukaja mu vyo kwicana .

Niho abatanguje iryo shirahamwe barondera ingene bohuza urwaruka bakarukurikirana,batanguye bari hagati ya 150 na 200 ariko ngo igitigiri kibandanya kwiyongera .Mu gukurikirana urwo rwaruka barabigisha gukina umupira w’amaguru n’uwo amaboko nka volley na basket bakongera bagatunganya amahiganwa y’inkino kuri urwo rwaruka.

Bariga no kuririmba indirimbo z’amahoro bagatunganya kandi ibikorwa vy’amaboko i Bujumbura no mu gihugu hagati.Ni muri ivyo bikorwa inzu zigera ku 200 zubatswe mu gisagara ca Bujumbura no mu gihugu hagati zikaba zubakiwe abatwa.

Mwomenya kandi ko inzu yo kurabiramwo amasinema yubatswe ahasanzwe hari ibiro vy’iryo shirahamwe ariko ngo ntibakizikoresha kubera ingorane zo kubura uburyo.Ku bwa Josepf Mukozi icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe ngo intumbero bihaye barayishitseko kuko urwaruka rwarasubije hamwe.

Mu migambi bafise ngo hakaba harimwo gushinga insamirizi no gushiraho aho basomera ibitabo(bibliothèque).Yarangije avuga ko ingorane ari nyinshi kubera kubura uburyo ariko ngo bagumana ivyizigiro ko bizogenda neza.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.