Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urwaruka rwa ADC Ikibiri rumenyesha ko rwatuntujwe n’Imbonerakure - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Urwaruka rwa ADC Ikibiri rumenyesha ko rwatuntujwe n’Imbonerakure

Urwaruka rwa ADC Ikibiri rumenyesha ko rwatuntujwe n’Imbonerakure

mercredi 6 Munyonyo 2013

Urwaruka ruhurikye mu runani ADC Ikibiri rwandikiye umurwi ujejwe amahoro n’umutekano w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu rugendo barimwo mu Burundi, aho ruvuga ibitari bike mu ngorane zihanze igihugu haba mu gisata c’umutekano, poritike n’imibano, aho hakaba hari inyuma y’umubonano bari bahejeje guhabwa nizo ntumwa.

Muri urwo rwandiko bamenyesha ko ibikorwa n’urwaruka ruhurikiye mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD bituma haba icuka kibi mu gihugu no mu banyagihugu. Babandanya bavuga ko hari ibimenyetso vyinshi bigaragaza ko amahoro mu Burundi atosekazwa n’urwo rwaruka rw’imbonerakure, bisunze ibitigiri vyabasiga ubuzima bwabo mu bikorwa vy’urwo rwaruka, co kimwe n’abandi bakomereka, eka n’abata izabo, bagahunga kubera iterabwoba bagirirwa. Babandanya bandika ko uwushoboye kurinda izo mbonerakure, acibwa amahadabu atagira ukwo angana, akama aremekwa inteba zishushe, canke akabaho yaratuntuye ku mutima.

Baremeza ko ibikorwa vy’imbonerakure, bitosekaza amasezerano y’amahoro no gusubiza hamwe yateweko umukono i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, co kimwe n’ibwiriwzwa nshingiro rya Republika y’Uburundi. Intumbero y’urwo rwandiko rero, akaba ari ukumenyesha abarundi n’amakungu ko umugambwe uri ku butegetsi uhonyanga amategeko atacamira, ayandi hagategurwa integuro zo kuyahindura abandi batabajijwe, ndetse n’urupapuro rw’inzira rwumvikanyweko n’abanyeporitike kugira amatora yo mu mwaka w’2015 ashobore kugenda neza, muri ico gihe rero, urwo rwandiko rugaca ruba nkaho ataco rukivuze.

Muri urwo rwandiko rwateweko umukono n’urwaruka rurongoye urundi mu migambwe ihurikiye mu runani ADC Ikibiri nka UPD Zigamibanga, Sahwanya Frodebu, CNDD na MSD basaba ko amakungu n’inama ya ONU iraba amahoro n’umutekano bokurikiranira hagufi ibikorwa vy’urwo rwaruka rw’imbonerakure kugira amatora yo mu mwaka w’2015 aze agende neza. Eka kandi basaba ko urwaruka rwogira uruhara ruboneka mu gikorwa co gutegura amatora yo mu mwaka w’2015 ndetse urwo rwaruka rukicarana n’imbonerakure kugira ibibateranya babirabire hamwe.

Twobamenyesha ko inyuma y’iyo nama, haciye hakurikira umubonano hagati y’uwo murwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD, urwaruka Mparaniramajambere rwa Rwagasore aribo JRR bo muri UPRONA co kimwe n’abo muri Sahwanya Frodebu iragi rya Ndadaye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.