Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uwahoze ari umushingamateka Gloriose Ntawe yakubaguriwe muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Uwahoze ari umushingamateka Gloriose Ntawe yakubaguriwe muri (...)

Uwahoze ari umushingamateka Gloriose Ntawe yakubaguriwe muri BSR

dimanche 30 Munyonyo 2014

Umupfasoni Gloriose Ntawe yahoze ari umushingamateka w’umugambwe UPRONA yakubaguriwe imbere y’abaporisi n’umwe mu bayoboke b’umugambwe UPRONA ishami rya Concilie Nibigira.

Intandaro ya vyose akaba ari igihe Abadasigana bashigikiye umushingamateka Karori Nditije bafatwa n’igiporisi, bivugwa ko boba bari ku Mugumya aho bariko bivuna akanyota co kimwe n’abandi. Abashika batatu rero bose bava mu muhari w’urwaruka rwa JRR bakaba baciye batwarwa n’igiporisi muri BSR aho bamaze akanya katari gato bariko barumviriza, aho boba bariko bagirizwa icaha c’uguhungabanya umutekano.

Igihe bamwe mu Badasigana bariko bavugana uko ikibazo cotorerwa umuti, umugabo azwi kw’izina rya Butoyi akaba yagurukiye kuri uwo mupfasoni yahoze ari umushingamateka wa UPRONA aramukubagura, abari aho bagwa mu gahundwe. Agashavu kaciye kaduga kubo ku ruhande rwa Nditije na rirya bamwe mu babo bariko barumvirizwa n’inyamiramabi. Igiporisi rero kikaba cashoboye gusukamwo ma bisi, gisaba abari muri UPRONA impande zose gutaha imuhira iwabo, mu gihe abo ku ruhande rwa Concilie Nibigira barimwo uwitwa Didier, Butoyi n’abandi basore babiri bagabisha uwo yahoze ari umushingamateka Ntawe ko umuduga wiwe bowugira ubunywenywe.

Tukabamenyesha ko amakuru yahavuye adushikira mu nyuma ari uko, babiri muri abo bari bafashwe bahavuye bezwa, nk’igihe c’isha hafi zitatu zijoro ryo kuri uyu wa 29 Munyonyo, umwe nawe ariwe Thierry Bigirindavyi asigara mu gasho ka BSR.

JPEG - 1.7 Mo
Gloriose Ntawe (16.02.2014)

Aristide Nizigire

Messages

  • Eeeeehhhh ako nagashavu kuko baribaza aho bagiye kuja bikabasiga.Ubu Edouard na dd yiwe bizakubagora kukO Sentare idacira imanza kugitsure cabategetsi yaraye isubije umugambwe benewo.Iryo rero nihahamuka ryabo kwa conciliya.il faut que le laboratoire du cndd -fdd se met au travail bakarondera amarementanya afadika kuko ibintu vyashushe pee, il faut que niyindi migambwe isubizwa beneyo(fnl;upd.....).Conciliya nabiwe nibareke kwinyegeza inyuma ya UPRONA bemange ko ari aba cndd-fdd bareke kuzingamika umugambwe wacu.

  • Ko uwo mudamu yama ari bintu vy’intambara, ubwo ntibomutwara Somalia canke RCA aho intambara zikaze akabereka aba Al Shabaab ingene intama zambarwa! Kuko umenga nta kindi ashoboye atari ukurwana. Mbe ko tutarumva ba Nditije canke Tatien n’abandi bashize mu maboko nabo badahuza?

  • Mbega yemwe bababuriza iki?Amajwi yabo arazwi nibabareke,ahantu twumva ngo baratsinze urubanza!Mugabo ntibahungabanye umutekano w’igihugu;aboba jrr nabo nibaza ko ari inguvuza uprona zoba ziteguye guhangana n’imbonerakure , n’est-ce pas!

  • GLORIEUSE NI UMUKOBWA W UMUNYAMUJI NTAZI INDWANO GUSA YANKA AKAGAYE KIYO MISWI YA DD..MBE KO MWAMA MWIBAZA NGO ABAGORE NTITURWANIRA UKURI !!!!AKARENGANYO NI PILULE ITOROSHE KUMIRA KURI TWESE...

  • Kazima yakubaguw na benewabo nibere ryayaze.mb nigiki co.kurenga amategeko.no kugira akagagazo?ahubwo iyo bamumena ijisho ntabone inzira acamwo mukujagara.bagize neza

  • Kazima yakubaguw na benewabo nibere ryayaze.mb nigiki co.kurenga amategeko.no kugira akagagazo?ahubwo iyo bamumena ijisho ntabone inzira acamwo mukujagara.bagize neza

  • Uwomugore ndabona aryoherwa nibintu vyimirwano cane, nukonyene twameze gusezerera ibintuvyintamba uwontibomenye uwamurabije rekagusa ndamugirinama, kubakw’Isi nukwitonda! Ntakwerekana nguruwo mugisagara, ntakwerekana kuruwomumiryango yagamomeye, ntakwerekanako umugambwe wawe wamye arintavogerwa mwanawamama ndagukebuye nutanyumvira abandibazosigara bavugako haruhumintu yariyaragukebuye ubifata minenerwe!.

  • Kubita iyo mfyisi isa nimyo yakayongwe

  • gusambura porona ninko guhamba ingwe ibona uwavuze ko ari abadacikana ntiyabeshe ngabo baraye batsinze urubanza ndakej number one kuvyo yaraye akoze narye umutima amenyo abivemwo azobaho neza gusumba candidat OIF Bdi

  • Ewe concilia nabawe muramaramaye"kubera impamvu imwe gusa "kwumvira abo ba dd.raba ingaruka zitanguy kugushikako!!:garuka mube umwe aba uprona mwubake mwoy kwisamburirako nk’impene "kuko ngo uwutema urwiw bamutiza umuhoro.reka kwishinga dd kuko bo igih cabo kirahez kandi nkabos bagiy kubazwa ivyo bakoz.eeeeh uprona wahora ari umugambg w’incabgenge ubgo bujuju bgaj gut?mbgira .maso menya ibih"ariko nkuko patiri akunda kubivuga"murabishiramwo uhoraho mweho ntimumer nk’abandi.ndaryame ariko ndazi ko uburundi inyuma y’ibi hazoba shalom"amahoro ashits.burundi tekana hariho umusi wokwibukwa n"uhoraho.merci

  • Mbega mwebwe muvuga ayamuhe mwibaza ngo ivyo mwandikaabitera CNDD FDD ubwoba?amatora mwoyatsinda gute mufise ibintu vyamacakubiri?muri 14% nimureke ivyamatora ntavyo mwoshobora mwishimikije amazuru.mwebwe nimwemere mubana nabahutu koko bobo ntanabi babashakako.bafise umutima wo gusabikanya.mwarishe ndadaye mwibaza ko mwishe ba Ndadaye.Busokoza niwe yatanga amategeko yo kugandagura ndadaye,baramubabariye ariko muguma mudukozaati munyo.ntasoni mufise?

  • nibareke kwimaramaza kuko urugamba siyo mahoro amatora ntaratangura kuko bafise ubwoba?yemwe nimutenyeny mugomba mu maramare kubwagacinyizo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.