Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Vaticano: Papa Benedigito wa XVI yatanze akagaruka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Vaticano: Papa Benedigito wa XVI yatanze akagaruka

Vaticano: Papa Benedigito wa XVI yatanze akagaruka

mercredi 27 Ruhuhuma 2013

Amasaha makeya imbere yuko Benwa wa XVI atanga imihoho mu mabanga yiwe, yakomewe amashi agasenga n’abakirisu kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 27 Ruhuhuma, ku kibanza citiriwe Petero Mweranda i Vatikano.

Papa yahumurije ati “Imana ntizoreka ubwato bwibire”. Imbere y’abantu bashika ibihumbi 150 yavuze “kubisebuzi vyaranze imyaka 8 amaze mu butumwa bw’umwungere wa ekreziya”

JPEG - 29 ko

Imbere y’igihugu c’abakirisu bagera ku bihumbi 150 baje bava ku migabane yose y’isi baje kumusezera, Benwa wa XVI yaseruye ukwizera afitiye Ekreziya n’abayo bose kw’isi, yongera arashimira abari aho mu ndimi zitandukanye agira ati: “ Ndabuze amajambo novuga, ndabona Ekreziya igaragaza ubuzima”. Iryo sinzi naryo ryishura rikoresheje utubendera twinshi twanditseko ijambo “urakoze”.

Papa yagarutse ku ngorane yabayemwo muriyo myaka 8 y’ubutumwa muri ayo mabanga, anasigura umwanya utari muto icatumye afata iyo ngingo yo gutanga imihoho. “Nsimpevye umusaraba”,niko yagize mugusigura ingingo yiwe. Yongeye ko iyo ngingo yayifashe inyuma y’igihe kitari gito arimbura. Niko kubona ko ariyo ngingo nziza kuri we no kuri Ekreziya.

Ku myaka 86, Papa yarangije ijambo ryiwe amenyesha ko agiye guharira ubuzima bwiwe igisabisho asabira Ekreziya. Abari bakoraniyo muri ico kibanza ntibahishije ibigumbagumba vyabo. Bamwe bo iryosozi ryakorotse, harimwo naba Kardinare bazokorana mu kwezi kuza kugira batore uwuzosubirira Benwa wa XVI.


ingabire luc-noel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.