Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Winnie Bagona :’’Turiteguriye gufasha abari mu ngorane zitandukanye” - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Winnie Bagona :’’Turiteguriye gufasha abari mu ngorane zitandukanye”

Winnie Bagona :’’Turiteguriye gufasha abari mu ngorane zitandukanye”

jeudi 1er Myandagaro 2013

Urwaruka rw’abarundi baba mu gihugu ca Canada, basanzwe bahurikiye mw’ishirahamwe Full of Grace baramaze iminsi mu Burundi, aho baje kwirabira uko boshira mu ngiro umugambi wabo wo gufasha abana bari mu ngorane co kimwe n’abandi bageze mu zabukuru.

Winnie Bagona asanzwe ari mu batanguje ishirahamwe Full of Grace mu gihugu ca Canada, avuga ko umutima wo guheba igihugu ca bibarutse badashobora kuwuronka, ari naco gituma bagiye hamwe bariyumvira ico bofasha, kivuye mu maboko yabo. Ubu rero ngo baratanga intererano ukwo ukwezi guheze, kugira baze bubake ikigo kizofasha abari mu ngorane zitandukanye, bakaba bipfuza ko mu myaka ibiri canke itatu boba batanguye kwakira abambere. Bagona avuga ko agahinda kamwishe aho ashikiye mu gisagara ca Bujumbura, akabona abatama n’abatamakazi, abana, abagendana ubumuga butandukanye, n’abandi usanga basa n’abahebwe n’imiryango yabo, ugasanga bamaze umunsi wose bicaye kw’ibarabara, bariko barasaba abahita.

Ikindi Winnie Bagona avuga ni ukwo bariko baraterereza amashirahamwe atandukanye yo muri ico gihugu ca Canada haba amashengero, amashirahamwe y’abarundi babayo n’abandi kugira bafashe muri ico gikorwa c’ugufasha abagowe. Muri iyi minsi rero ngo baramaze kwiga ibitari bike bikenewe kugira umugambi wabo uze ushike ku ntambwe ishimishije. Ni ukuvuga ikibanza bazokwubakamwo inyubakwa bazokwakiriramwo abantu bafise izo ngorane, abazoba bajejwe kubakurikirana ku munsi ku munsi haba ku bijanye n’amagara yabo , mu mashure, no mu gufungura. Avuga ko uburyo bukenewe ari bwinshi, ari naco gituma bariko barakora ibishoboka vyose kugira uyo mugambi wabo uze ushike ku ntumbero bihaye.

Muri iyi minsi rero bamaze ino, Winnie Bagona avuga ko bamaze kubonana n’ibinyamakuru bitandukanye aho bariko barashikiriza imigambi ya Full of Grace ku Burundi, igihugu cabo c’amavukiro. Avuga kandi ko bamaze kugendera amarero y’impfuvyi atandukanye ari mu gisagara ca Bujumbura no mu micungararo yaco. Aremeza ko amwe muri ayo bagendeye, basanze hari vyinshi babuze, ari naco gituma kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 4 Myandagaro, bazoshira agaseke abana bari mu kigo co ku Buterere citwa AGATEKA, bakaba bazogemura agaseke kagizwe n’amata y’ifu, isukari, umuceri, amasabuni n’ibindi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.