Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yagarukiye ku kibuga c’indege ca Dar es Salaam atwawe muri Oman - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Yagarukiye ku kibuga c’indege ca Dar es Salaam atwawe muri Oman

Yagarukiye ku kibuga c’indege ca Dar es Salaam atwawe muri Oman

samedi 23 Munyonyo 2013

Bamwe mu bagirizwa urudandazwa rw’abana baratanguye kuza barafatwa umwe umwe. Mu ntara ya Kayanza, hafungiwe abagabo b’abanya Oman babiri, bafashwe bagira bajane umwigeme yahora akora akazi ko kurera abana muri quartier Kibenga iri mu gisagara ca Bujumbura.

Abo bagabo bapfungiwe mu Kayanza kuva kuri uyu wa 21 Munyonyo mu masaha y’umugoroba, bafatiwe muri komine ya Kabarore aho bari baroye kwumvikana n’abavyeyi b’umwigeme kugira umwe muri abo banya Oman ashobore kujana uyo mwigeme kuzomuha akazi ko mu nzu, iyo avuka muri Oman, aho yari yamwemereye ko azomuhemba amadolare y’Amerika angana 100 ku kwezi, ni hafi amafaranga ibihumbi 150 vy’amarundi.

Inyuma y’aho uyo mwigeme ahagarikiwe ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Dar es Salaam kuko ataruhusha rw’abavyeyi yari afise, uyo yari amutwaye akaba yaciye ahitamwo kumugarukana mu Burundi, kugira ashobore kumusabira uruhusha rwanditse ku bavyeyi biwe, abo nabo bakaba bararumuhaye, ariko haca haba ingorane kuko bategerezwa kuronka urundi rwo kwa mustanteri wa Komine. Bashikiriye musitanteri wa komine ya Kabarore, uyo akaba yarakebwe, niko guca ahamagara inzego z’umutekano maze abagira bajane uyo mwigeme mu gihugu ca Oman bafatwa ukwo. Ubu uyo mwigeme wo muri zone ya Rugazi muri iyo komine ya Kabarore, ari mu muryango wiwe.

Abajejwe intwaro aho mu ntara ya Kayanza, basaba abavyeyi bose ko batokwemera kuza bararungika abana babo mu bihugu vyo hanze gukora ubwo buzi bwo mu mazu kuko, abatari bake bagiye gukora ubwo buzi, vyagaragaye ko baba baroye kubakoresha ibikorwa binyuranye n’agateka ka zina muntu. Bimwe akaba ari kubakuramwo bimwe mu bihimba vy’umubiri, kubakoresha ubushurashuzi, no kubakoresha ibikorwa biruhishije.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ariko ariko!!!!!?.......Mwabavyeyimwe? Murananiwe kubwira abobabasavye gutwara abanabanyu ko umwana aruwanyu kandakaba nuwigihugu? Bisigurako uwomuntu ashaka gutwara uwomwana ategerezwa gusaba uwomwana abavyeyi bamwibarutse, bakongera bakamusaba na reta, Abavyeyi base reta ikakwemerera ntawutwara,
    abavyeyi bakwemereye reta ikanka ntawutwara. Amarundi barakwiye kwigihwa ko ahohanze y’Uburundi bumvisha amatwi hariho ivyiza nibibi birenz’ukwemera.

  • Ni mugerageze ariko igihugu kitagira ico gifatisha abanyagihugu vyoose birashoboka !!!Urumva ko abavyeyi bari bavyemeye ..erega usanga ari uwo mwana aca amahera abatunze !!!Ni tugwanye ubukene naho ibindi vyoose birashoboka kuko niyo leta barashobora kuyihuma amaso si agaseseshwa rumuri yewe...

  • Ni mugerageze ariko igihugu kitagira ico gifatisha abanyagihugu vyoose birashoboka !!!Urumva ko abavyeyi bari bavyemeye ..erega usanga ari uwo mwana aca amahera abatunze !!!Ni tugwanye ubukene naho ibindi vyoose birashoboka kuko niyo leta barashobora kuyihuma amaso si agaseseshwa rumuri yewe...

  • imbere yo gufata ingingo iyariro yose ijanye n ’agateka ka zina muntu ni mubanze mutohoze neza ..mbe umwana mu burundi angana gute?afise imyaka ingahe?ko tutakimenya uwukuze n’ uwukiri muto? erega ntimwibagire ko uwo mukwobwa batavuga ko afise imyaka 24 (2’ ans) .
    inzara iri mu gihugu ntawoyirengagiza eka na insecurite irateye ubwoba ..ayo mategeko yo gucinyiza abandi mushaka mwoyaheb..

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.