Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yakubiswe nk’inzoka Pasikari Nyabenda arorera - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Yakubiswe nk’inzoka Pasikari Nyabenda arorera

Yakubiswe nk’inzoka Pasikari Nyabenda arorera

jeudi 23 Ndamukiza 2015

Umukuru w’umugambwe CNDD FDD mu gisagara ca Bujumbura, yoba ari ku musego bivanye n’amahiri yakubiswe n’Imbonerakure, z’uwo mugambwe.

Umukuru w’umugambwe CNDD FDD mu gisagara ca Bujumbura Evode Ndabashinze ari kumusego bivanye n’amahiri yoba yarakubiswe n’urwaruka rwa CNDD FDD, aho yakubitiwe mu maso y’umukuru w’uyo mugambwe ku rwego rw’igihugu, ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 21 Ndamukiza uwu mwaka.

Umushingamateka Pascal Nyabenda umukuru w'umugambwe CNDD FDD

Amakuru dukesha bagenzi bacu ba RPA Ijwi ry’abanyagihugu, avuga ko Evode Ndabashinze, umukuru w’umugambwe CNDD FDD yakubiswe nk’inzoka, akubitirwa mu ngoro y’umugambwe CNDD FDD mu gisagara ca Bujumbura, akaba yakubswe n’urwo rwaruka Pasikari Nyabenda arongoye uwo mugambwe ari ngaho. Evode Ndabashinze rero, akaba yoba yazize intonde z’abazitoza zoba zarahinduwehinduwe. RPA irondeye Evode Ndabashinze avuga ko arwaye ari ku musego, nayo umushingamateka Pasikari Nyabenda nawe akaba avuga ati :’’ Nibaza ko ari abamukosoye’’.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.