Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yarahohotewe gushika aho amugara - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Yarahohotewe gushika aho amugara

Yarahohotewe gushika aho amugara

samedi 5 Nzero 2013

Umunyagigihugu Vincent Ngendakuriyo ava mu ntara ya Bururi muri komine Rumonge avuga ko yahohotewe n’icegera c’uwurongoye igipolisi mu ntara ya Bururi. Avuga ko yasinzikarijwe ubuzima gushika aho amugara. Ishirahamwe ACAT rigwanya ihohoterwa ririyamiriza iyo ngendo.

«Ndabasavye nshimitse umuntu afise inkoho canke yambaye impuzu z’igisoda n’igipolisi ntiyinjire ngaha. Ndatinya inkoho n’abapolisi kuko barahatswe kunyica.»

Ayo n’amajambo yavuzwe n’umunyagihugu Vincent Ngendakuriyo amenyesha ko yahohotewe. Yariko abibwira abamenyeshamakuru bariko bamubaza ingene vyagenze. Ubu avugana agahinda n’akabonge. Yagiriza icegera c’uwurongoye igipolisi co mu ntara ya Bururi ko ariwe yamusinzikarije ubuzima ariko wewe arabihakana.

Amaboko yiwe yaramugaye, mu mugongo hari inguma n’ibipfupfuri vy’inkoni, ibihimba vy’irondoka birababara ariko arihagarika. Uwo munyagihugu Vincent Ngendakuriyo ntashobora gutambuka.

Vincent Ngendakuriyo amenyesha ko yabonye abantu bamusanga iwe mu Gatate ku birometero 20 uvuye mu gisagara ca Rumonge. Ngo bari abapolisi barikumwe n’uwurongoye igipolisi mu ntara ya Bururi italike 21 Kigarama 2012.

Nk’uko avyemeza, ngo inyuma y’amasaha 3 ariko arakubitwa umubiri wose,baciye bamuboha bamujana mw’ishamba ry’i Bururi aho ngo yahohoteye bikomeye gushika aho ata ubwenge. Ngo bahavuye bamuta ngaho ari ikiruruma, ntazi n’ingene yashitse kwa muganga. Avuga ko yazize ko yoba araza abarwanyi.
Ishirahamwe ACAT rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu n’iryo ryamufashije kuriha amafaranga n’imiti yo kwa muganga.

Armel Niyongere arongoye ACAT amenyesha ko bibabaje kubona uwari ajejwe gukingira abanyagihugu ariwe abahohotera. Asaba ubutungane ko bwomukurikirana hanyuma agahanwa hisunzwe amategeko. Asaba kandi Reta gufatira ibihano vy’akazi abapolisi bakoze ico caha.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.