Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yaramfashije andihira amashuri none ashaka ko tubana kandi mfise uwundi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Yaramfashije andihira amashuri none ashaka ko tubana kandi mfise uwundi (...)

Yaramfashije andihira amashuri none ashaka ko tubana kandi mfise uwundi dukundana

dimanche 2 Kigarama 2012

Ndi umukobwa w’imyaka 25. Igihe niga mu mashuri yisumbuye mu mwaka w’9, nagize ikibazo mbura amafaranga y’ishuri kuko abavyeyi banje bari abakene.

Inyuma yo guhagarika amashuri umwaka umwe kandi nari nkiri muto hari umugabo yanyemereye kundihira ishuri aramfasha akaja arampa amafaranga y’ishuri n’ibikoresho byose nkeneye, ndiga ndaheza amashuri yisumbuye ata kibazo.

Mpejeje amashuri yisumbuye wa mugabo aca atangura kundihira na kaminuza, nayo nyene ndayiheza kandi nukuri yarankoreye ibihambaye. Ubu ndi umukobwa afise akazi n’ubuzima bwiza kandi vyose niwendabikesha.

Ariko aho niga mu mwaka wa kabiri wa kaminuza, umugore wa wa mugabo yaragize isanganya ry’imodoka arapfa ariko umugabo arabandanya andihira ishuri.

Mu minsi iheze, aho naheza kaminuza yatanguye kuja arsmbwira ukuntu ndi mwiza, akaja arantumira iwe ngo njeyo ndamurabire umwana wiwe ubona ko yanapfakaye akiri muto afise umwana umwe. Ntivyatevye rero aranyerurira ambwira ko ankunda cane ndetse yifuza ko twobana akaramata nkamuhoza amarira kandi ngo aranyizeye sindamuhakanire.

Mu vy’ukuri ni umugabo adakuze cane kuko afise imyaka 37, ni mwiza, yigenza neza kandi ni ameze neza yarabinyeretse ariko mfise ibibazo bibiri.

Ica mbere ni uko kubera uburyo yamfashije akanyitaho kandi akamfata nk’umwana mu rugo rwiwe, ndamukunda ariko ni urukundo rwa kivyeyi, ndamwubaha cane nk’umubveyi sinumva uburyo nobera umugore umuntu mfata nk’umuvyeyi.

Ikindindi gikomeye kurusha ni uko mfise umuhungu dukundana tumaranye umwaka umwe kandi twasezeranye kuzobana, sinifuza kumuhemukira no guca kubiri n’amasezerano twagiranye.

Ariko kandi sinifuza kubabaza uwo mugabo kuko yarankoreye vyinshi! Nanje numva ndamufitiye impuhwe kuba yarapfakaye akiri muto kandi ari umugabo mwiza gutyo. N’ubu sidabona nezaico nohitamwo.

Wewe canke umugenzi wawe canke incuti yawe bimushikiye nka jewe, womuhanura iki?


Richard A.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.