Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibintu bikuru bikuru bituma urukundo ruhera ku mwigeme - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Ibintu bikuru bikuru bituma urukundo ruhera ku mwigeme

Ibintu bikuru bikuru bituma urukundo ruhera ku mwigeme

dimanche 2 Ruheshi 2013

Hari umwanya urukundo ruba ruryoshe cane cane mu ntango. Umwe wese mu bakundana araryoherwa iyo aronse ubutumire bw’umukunzi wiwe canke iyo amubariye ko aheva aza kukuramutsa ku bushake bwiwe. Muri ivyo bihe canke ibihe bizokurikira, urukundo ruraryoheshwa n’utwo musangira canke rukabishwa n’ingeso mbi z’umwe muri mwebwe.

Ng’ibi ibintu bitanu bikuru bikuru bituma umwigeme yumva yoheba amasezerano yose muba mufitaniye

1.Guhisha ibikorwa vyawe uwo mukundana

Iyo umukobwa mukundana ahinyuye ko hari ivyo umuhisha, atangura kubona ko utamwizeye maze nawe uko yakwizera bikagabanuka, urukundo yumva ko yokwereka araheza akarunyegeza naho yoba yumva ko bimuremera, we arumva yorukwima, ndetse atangura kwikeka ko hari abandi woba ubwira ivyawe, abona ko taguhimbara, akumva yorondera uwundi boshobora gusangira amabanga yose.

2.Kugumiza ijambo mama mu kanwa

Iyo uri kumwe n’umwigeme, mwajanye gusangira haba mu buriro canke muri za nyubakwa z’ubutambiro, abakobwa benshi baranka ko umusore aguma acisha ijambo mu kanwa ngo : « Mama niwe yampaye amahera yo kuza ngaha, mama niwe yanguriye ibi, mama yambwiye ko nokora ibi,n’ibindi vyinshi birimwo mama. Abakobwa rero ntibakunda umuhungu yiyerekana ko ingingo, imigambi yiwe ayifata abanje kuyicisha kuri nyina, naho mama wawe mwoba musanzwe mufitaniye ubucuti burenze, gerageza ubwo bucuti ubunyegeze umugore wawe, canke urugezo ubucuti bugerako ntubwerekane cane, nayo ahandi umukunzi wawe aca akwagiriza ko ukiri umuhungu wa mama wawe, ko utarakura.

3.Umuhungu anywa inzoga nk’uwusuka mu kanogo

Ikintu ca mbere c’ukwirinda, n’ukunywa gushika y’aho urenza urugero, kuko inzoga ni nkura mu mubindi ndagukure mu bagabo. Umuhungu umwe yaroye mu rubanza rw’aho umukobwa bakundana yari afise urubanza rw’ukwibuka imyaka 25 amaze avutse, maze urubanza rugeze hagati, umuhungu atangura kunywa nk’ikamyo ishaje, ntiyasubira kuvuga ijambo na rimwe, we gusa ico yakoze kwari uguhindura ubwoko bw’inzoga. Haciye akanya ziramwihinduka atangura kuziyorwa hagati mu bantu aho bicaye, uyo musore yahebwe kuri uyo munota nyene, ntiyasabwe n’insiguro.Uyo mwigeme avuga ko akaganuke k’imyaka 25 yari yiteze atariko yaronse, we yayoweko.

4.Umusore asaba guhuza ibitsina n’umwigeme ku munsi wa mbere bahuye

Iyo abakundanye bari kumwe, canke iyo bajanye kuryoherwa ahatandukanye, haragera aho umwe mu bakundanye yumva bitanguye ku mugora, ariko cane ibice binini biri ku bahungu, burya rero imbere y’uko umwigeme wasavye ko mwojana gusangira umusaba kugera imbavu, si vyiza ko ijambo ryo gusangira urukundo ariryo ritangura gukoroka, ahubwo vyoba vyiza iyo wihoreye, wumva bikugora naho, ukazobivuga ari ukwo umaze kumenya kahise kiwe canke umaze kumenya uko ateye.

5.kutaba mahindagu ku masango

Ikintu kibabaza abakundana bose muri rusangi ni ukutubahiriza isango ry’urubanza canke umwanya muba mwahanye mu gihe mufise umugambi wo kurangura ikintu. Ibintu bibabaza cane rero abigeme, ni iyo mwahanye gahunda yo kujana ahantu, maze ugaca uhengera hasigaye umwanya muto ngo mugende, akumva umubariye ko wahevye. Aca abona ko kumwitaho atari ikirenga, muri ico gihe nawe, yumva yoguheba canke umunsi wose uzomusaba aho mujana we azobona ko umeze kwa kundi nyene, aza atari avyiteze ndetse aza atiteguye nk’uko yari kubigira igihe utari waramweretse ko uri mahindagu.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.