Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yatabaje abagira neza bomufasha kuvuza umwigeme wiwe w’imyaka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Yatabaje abagira neza bomufasha kuvuza umwigeme wiwe w’imyaka (...)

Yatabaje abagira neza bomufasha kuvuza umwigeme wiwe w’imyaka 12

jeudi 12 Ruheshi 2014

Amafaranga agera ku muriyoni n’ibihumbi amaja atandatu y’amarundi, niyo akenewe kugira ubuzima bw’umwana w’imyaka 12 afise ingorane z’umutima, burokoke.

Sifa Noella, ni umwigeme w’imyaka 12 y’amavuka, imfura y’umuryango w’abana bagera kuri munani. Afise ingorane z’umutima utameze neza.
Avuka muri komine Butanganzwa, mu ntara ya Ruyigi. Akeneye amafaranga agera ku madorari 1000 y’amanyamerika kugira aje kwivuza mu mahanga.
Umuvyeyi wa Sifa Noella, avuga ko umwana wiwe amaranye imyaka ishika kuri ine iyo ndwara y’umutima. Kuva bashitse ku bitaro vyitiriwe umwami Khaled vyo mu Kamenge, haraciye imyaka ine, n’ubu akaba ata karusho karibonekeza kuri iyo ndwara uwo mwana afise.

JPEG - 96 ko
Sifa Noella

Umuganga akurikirana amagara ya Sifa avuga ko uwo mwana yategerezwa kuba yarajanwe kuvurwa hanze kubera ko imiti ihari mu Burundi bahora bamuha ataco imumarira ku bw’indwara yiwe igeze kure cane.
Muganga Jacques Barahandwa amenyesha ko Sifa, ubu atagishobora guhumeka adakoresheje ivyo bita « oxygene », ubwo buryo akaba amaze imyaka hafi ine abukoresha, kuva mu mwaka w’2011.

Nyina wa Sifa, ni umukenyezi w’umurimyi ntahonikora, avuga ko n’uburyo yakura mu burimyi bwiwe yabuhereje mu kuvuza umukobwa wiwe. Ubu naho akaba ataco agisigaranye. Akaba yatabaje abagira neza n’abandi bose bafise umutima w’ikigongwe, abasaba ko bomuterera kugira ajane Sifa kumuvuza hanze.

JPEG - 48 ko
Sifa Noella (i bubamfu), ari kumwe na nyina wiwe (i buryo)

Mwomenya ko ishirahamwe « Fondation UBUNTU » ryemeye kumuterera amafaranga azomufasha kuja mu gihugu c’Ubuhindi, aho azomara igihe ariko aravurirwa. Ariko rero, iryo shirahamwe ryasavye ko umuryango wa Sifa wobanza kurondera amafaranga y’itike y’indege agera ku muriyoni umwe n’ibihumbi amajana atandatatu y’amarundi. Umuntu wese yipfuza gufasha uwo muryango yogira ico ashirije abicishije aha ku rubuga rw’ikinyamakuru IGIHE, canke mugahamagara nyina w’uwo mwana ku nomero +257 79 917 360


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.