Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zimwe mu mpunzi zirukanywe na Tanzaniya zibayeho mu buzima buteye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Zimwe mu mpunzi zirukanywe na Tanzaniya zibayeho mu buzima buteye (...)

Zimwe mu mpunzi zirukanywe na Tanzaniya zibayeho mu buzima buteye ikigongwe

mercredi 27 Munyonyo 2013

Kuva aho bamwe mu barundi baba mu gihugu ca Tanzaniya birukaniwe, benshi mu bari bashikiye mu ntara ya Rutana, ubu bariko barasubira iwabo ku matongo bari bahunze babako, ariko hakaba n’abandi batagira iyo baja kuko bavuga ko bavukiye mu gihugu ca Tanzaniya.

Imiryango ishika kuri 63, ikaba n’ubu ikiri muri site iri muri komine ya Bukemba, intara ya Rutana kuko bavuga ko batazi intara bavukiyemwo, mu gihe iyo miryango yemeza ko yavukiye mu gihugu ca Tanzaniya. Bamwe muri iyo miryango rero bakaba babayeho nabi kuko benshi muri bo barara hasi, eka mbere bakaba batagira n’ico bafungura. Basaba Reta y’Uburundi ko yobaronsa amatongo barimamwo, baronswe n’aho bakika umusaya, eka kandi baranatabaza ubushikiranganji bw’ impunzi no gushigikirana hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu araba agateka ka zina muntu n’akimpunzi ko yobagarukirako.

Izo mpunzi rero aho zigikoraniye muri iyo komine ya Bukemba, zikavuga ko amagara yazo ashobora no kuhasinzikarira, hamwe Reta n’abagiraneza batobagarukirako mu minsi ya vuba, baravye imibereho y’abana babo, eka nabo nyene. Inzara no kurara habi, bikaba bishobora ku batwara ubuzima hamwe batogarukirwa mu minsi ya vuba. Tukabibutsa ko izo mpunzi zirukanywe igikubikubi n’igihugu ca Tanzaniya, benshi muri bo, bakaba bataye imirima yabo, abandi basigayo imiryango yabo. Izo mpunzi zikavuga ko n’amwe mu matungo yabo, bayasizeyo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.