IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > ishirahamwe > Amashirahamwe yo hanze akorera i Burundi agiye gusuzumwa ko akora yisunga (...)

Amashirahamwe yo hanze akorera i Burundi agiye gusuzumwa ko akora yisunga itegeko riyagenga

Friday 14 September 2018, by vianney

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kane igenekerezo rya 13 Nyakanga 2018,umuvugizi w’inama nkenguzamateka Anicet NIYONGABO yamenyesheje ko mu gutanga akazi amashirahamwe yo hanze y’igihugu akorera i Burundi ategerezwa kwisunga amategeko y’Uburundi hamwe hamwe n’imigambi igihugu kiba cashize imbere.

Anicet NIYONGABO yavuze ko ayo mashirahamwe yahawe ikiringo gikwiye c’amezi 6 kugira akore yisunga iryo tegeko kuva riteweko umukono.

Kubijanye n’amashirahamwe azoba atarakwirikiza iryo tegeko,Anicet NIYONGABO yavuze ati: “Itegeko rihari ryemejwe ritegerezwa gukurikizwa kuko itegeko ririganza ,abo tuzosanga batararyubahiriza tuzoca tubasaba bitunganye kugira barikwirikize kugira ibihano bijanye no kutubahiriza iryo tegeko ntibibakwirikirane.”

Itegeko rigenga amashirahamwe yo hanze y’igihugu ryateweko umukono kw’igenekerezo rya 23 Nzero umwaka wa 2017.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.