Accueil > Amakuru > Ubuseruko > EAC : Abakuru b’ibihugu bagiye guhurira mu mwiherero i Kampala
EAC : Abakuru b’ibihugu bagiye guhurira mu mwiherero i Kampala
lundi 5 février 2018
Ubunyamabanga bwa EAC buvuga ko bwahurije hamwe imyiherero y’abakuru b’ibihugu bitumwe n’umwanya muto baba bafise kandi bagomba kurabira hamwe ingingo zikomeye kandi z’ingirakamaro.
Amakuru dukesha ikinyamakuru IGIHE, mu gihugu c’Urwanda, amenyesha ko, uwo mwiherero uzitanguzwa n’inama zizokwihweza ibikorwa bijanye n’inyubako, zizohuza abarwizatunga n’abatanga intererano mu gisata c’ubuvuzi, hazoba ari kw’igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2018.
Ayo makuru nyene, amenyesha ko, muri uwo mwiherero bazokwerekana akamaro gakomeye ko gushira imitahe mu gisata c’ubuvuzi n’amahirwe ashobora kuva mu mwimbu muri ico gisata, hamwe no guteza imbere ugufashanya mu karere.
Iyo nama izokwiga kandi uburyo bwo gushika ku ntumbero z’Ishirahamwe ry’Akarere ka Afrika y’Ubuseruko , gushika kw ‘ishusho y’umugabane wa Afrika mu mwaka wa 2063, n’intumbero zishikana kw’iterambere rirama.

Uwu ni umwiherero wa kane w’abakuru b’ibihugu vya EAC, ku bijanye no gushigikira imigambi y’inyubako n’iterambere. Uwaheruka wabaye mu mwaka wa 2008, 2012 na 2014.
Ni ubwa mbere ariko habaye umwiherero uhuje abakuru b’ibihugu n’abarwizatunga mu gisata c’amagara y’abantu.
MUGISHA Van Naris