IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > EAC : Abakuru b’ibihugu bategekanya gushira umukono ku masezerano (...)

EAC : Abakuru b’ibihugu bategekanya gushira umukono ku masezerano y’urudandazwa hagati ya EAC na UE

mardi 14 Ruhuhuma 2017

Abakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko EAC bazohurira I Arusha mu gihugu ca Tanzaniya kw’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma,umwaka wa 2017.Mu bizokwigwa muri iyo nama harimwo gushira umukono ku masezerano yo guhanahana ibidandanzwa hagati ya EAC n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya.

Mu bihugu bigize ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko,igihugu ca Kenya n’Urwanda nivyo vyonyene bimaze gushira umukono kuri ayo masezerano nkuko bisabwa n’amategeko ashiraho ayo masezerano.

Chris Kiptoo ,umunyamabanga w’ikigo c’ubudandaji n’amahinguriro mu gihugu ca Kenya avuga ko ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko bitegerezwa gushira umukono kuri ayo masezerano nk’ibihugu bihuriye ku mugambi umwe.

Mu gihe vyari bitegekanijwe ko ikiringo ntabanduka co gushira umukono kuri ayo masezerano ari igenekerezo rya 1 Gitugutu 2016, inama nshingamateka y’Ubumwe bwa Burayayarongereje ikiringo ibisabwe n’igihugu ca Kenya gushika kw’igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2017.

Igihugu ca Kenya ni co conyene mu bihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko gifatwa nk’ikiri mu nzira y’amajambere, mu gihe ibindi bigifatwa nk’ibikiri inyuma y’amajambere.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.