IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > EAC : EALA yipfuza kunagura ibisata bitandukanye biraba ubuzima (...)

EAC : EALA yipfuza kunagura ibisata bitandukanye biraba ubuzima bw’akarere

vendredi 26 janvier 2018

Ivyo vyashikirijwe mu nama igira 4 y’ abashingashingamateka bo mw’Ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko iriko ibera i Kampala ku mugwa mukuru w’igihugu c’Ubuganda.

Umukuru w’inama nshingamateka w’akarere ka Afirika y’Ubuseruko EALA (East African Legislative Assembly),Martin NGOGA, yamenyesheje ko ivyo bisata bikwiye kwihutirwa kunagurwa mu ntumbero yo gukingira kazoza k’ubutunzi bwa Afrika y’Ubuseruko.

Bimwe mu bihanze igisata c’indero mw’ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko,Martin NGOGA yamenyesheje ko ari ingorane zifatiye k’ubukene bw’imyambaro y’ishure hamwe n’ubukene bw’ amafaranga y’ishure bituma abana bava mu miryango ifise amikoro make bataronka amahirwe yo kuja kw’ishure.

Nk’uko tubikesha ikinyamakuru The Citizen,umukuru w’igihugu c’Ubuganda ,Yoweri KAGUTA MUSEVENI mw’ijambo ryiwe yashikirije imbere y’inama nshingamateka ya Afrika y’Ubuseruko yagarutse kubijanye no kurwiza umwimbu hamwe no kworohereza urudandazwa mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.

Yoweri KAGUTA MUSEVENI yamenyesheje ko bipfuza ko abarimyi bose bava mu bihugu bigize ako karere, bashobora kwidegenvya mu kudandaza umwimbu wabo.

Umukuru w’igihugu c’Ubuganda yahamagariye akarere ka Afrika y’Ubuseruko gukoresha ubutunzi kama kugira gashobore kunagura ubutunzi kabwo.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.