EAC: Umukuru w’inama nshingamateka EALA asaba abashingamateka gukorera hamwe

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 24 December 2017 saa 12:33
Yasomwe : 10827
0 0

Umukuru w’Inama Nshingamateka ya Afrika y’Ubuseruko EALA Martin NGOGA , amenyesha ko naho habonetse ibibazo mu ntango y’ibikorwa nk’ugutangura ibikorwa icererewe,igikenewe ari ukubirengera, kandi abashingamateka bagashira hamwe.

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru The New Times, Martin NGOGA yavuze ko ibibazo vyabonetse ahanini mu gihe co kwiyamamaza, kuko hibonekeje ivyiyumviro bitandukanye.

Martin NGOGA yavuze ko ubu Inama Nshingamateka y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko EALA yuzuye kandi ifise umuyobozi wayo, kandi n’abagize inama nshingamateka barahari.

Umukuru w’inama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko yasavye umushingamateka wese gutanga intererano yiwe, kandi bagakorera hamwe nk’urwego rudashobora kwigaburamwo imice.

Naho abashingamateka baserukira Uburundi n’abaserukira Tanzaniya batitavye amatora yo gushiraho uwurongora inama nshingamateka ya EALA, Martin NGONGA yabwiye ikinyamakuru The New Times, ko ubu bakenewe kugira bagire uruhara mu bikorwa vy’inama nshingamateka ya EALA.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha