EALA : Abashingamateka bashobora kuzotorwa n’abanyagihugu bose

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 1er juillet 2017 saa 09:44
Yasomwe : 5112
0 0

Ishirahamwe ry’Ibihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko EAC rishobora gusubiramwo amasezerano ajanye n’ingene abashingamateka baja mu nama nshigamateka ya Afrika y’Ubuseruko EALA,bagatorwa n’abanyagihugu bose,mu gihe bahora batorwa n’inama nshingamateka y’ibihugu bavamwo.

Abahinga bavuga ko mu gihe vyokorwa ukwo,bizotuma hadasubira kuba ukutumvikana ku bijanye nabo borungika ,mu migambwe ya politike yatanga abaja mu nama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko EALA.

Umuvugizi w’inama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko EALA, Bobi Odiko, yabwiye ikinyamakuru The East African ko inama nshingamateka ya EALA itarwanya uburyo bushasha bwo gutora kuko ari imwe mu nzira zishobora gutuma abanyagihugu ba Afrika y’Ubuseruko baserukirwa uko bavyipfuza.

Bobi Odiko avuga ko abashingamateka ba EALA basavye kandi ko ivyohinduka vyokwisunga ku kwongereza igitigiri c’abaserukira igihugu cose bakaba 15, mu gihe bahora ari 9.

Amasezerano y’ishirwaho ry’Ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko avuga ko igihugu giserukirwa n’abashingamateka icenda, kandi 30 kw’ijana bakaba ari abakenyezi, bagatorerwa imyaka itanu ishobora kwongerwa rimwe gusa.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha