IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > EconetLeo yatanze imfashanye mu mugambi Mera nk’abandi ibicishije muri (...)

EconetLeo yatanze imfashanye mu mugambi Mera nk’abandi ibicishije muri Ecocash

samedi 9 juin 2018

Umuhuza b’ibikorwa mu mugambi w’igihugu “Mera nk’abandi” ujejwe gushigikira ingo zikenye gusumba izindi,Michel NYABENDA, yavuze ko bahisemwo ishirahamwe ryo gutumatumanako EconetLeo kuko rifise ubuhinga bwo gutanga amafaranga bubangutse kandi butazimvye “Ecocash” bifasha kugira imiryango ironswe ayo mafaranga mu mutekano ata bwoba ifise.

Michel NYABENDA yavuze ko iyo mfashanyo batanga biciye muri Ecocash ya EconetLeo ari mu ntumbero yo gushigikira iyo miryango kugira ihindure ivyiyumviro, ikore imigambi yo kwiteza imbere ibone kuva mu bukene yongere isezerere gufungura nabi.

Mariya NDAYISHIMIYE ari mu baronkejwe iyo mfashanyo biciye muri Ecocash yavuze ati : “ Ndashimira ishirahamwe EconetLeo kuko yaturonkeje amaterefone hamwe n’imirongo yayo bidufasha cane kugira turonswe amafaranga ku buryo bworoshe biciye muri Ecocash,kurya bama bavuga ngo terefone yawe n’ingondo yawe eka n’ivyo.

Mariya NDAYISHIMIYE yavuze ko iyo mfashanyo baronswa yabagiriye akunguko kanini, kuko ubukene barimwo bwagabanutse kandi ubu bashobora kugura ibitungwa bakorora ndetse bakaronka n’uburyo bubafasha mu bikorwa vyo kurima.

Imitumba 20 kuri 39 yo muri komine Butanganzwa mu ntara ya Ruyigi, niyo izoronswa iyo mfashanyo mu mugambi w’igihugu MERA NK’ABANDI.

Imiryango izoronswa iyo mfashanyo y’umugambi w’igihugu MERA NK’ABANDI biciye muri Ecocash ya EconetLeo ingana ibihumbi 48 yo mu ntara ya Ruyigi,,Karusi,Kirundo hamwe n’intara ya Gitega, buri ntara hagatorwa amakomine 4 iyo mfashanyo ikazotangwa mu kiringo c’imyaka 3.

Photos : ECONET LEO


BIKORIMANA Vianney

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.