IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > FESTICAB 2017: Ireresi yofasha mu gushigikira agateka k’umukenyezi

FESTICAB 2017: Ireresi yofasha mu gushigikira agateka k’umukenyezi

samedi 10 Ruheshi 2017

Leonce NGABO arongoye isabukuru mpuzamakungu ry’amareresi mu Burundi avuga ko icatumye bakora umugambi wo kwerekana amareresi ku banyeshuri bo mu mashuri yisumbuye ari ukugira babereke ko abakenyezi bashobora kwerekana ingabire zabo babicishije mu mareresi.

Leonce Ngabo arongoye Festicab amenyesha ko iyo reresi bamaze iminsi berekana ku rwaruka izofasha mu guterera mu kwubahiriza agateka k’abakenyezi na cane cane mu kwerekana ko abakenyezi bashobora gukora ibintu vyinshi bitandukanye bijanye n’ibihe tugezemwo hamwe n’iterambere ryibonekeza ku munsi ku munsi .

JPEG - 65.2 ko
Leonce Ngabo arongoye Festicab amenyeshako iyo reresi bamaze imisi berekana ku rwaruka izofasha mu guterera mu kwubahiriza agateka k’abakenyezi

Leonce Ngabo aserukira Festicab yavuze ati : «Ireresi yofasha gushigikira gateka k’umukenyeshi ku migirwa n’imigenzo .»

Iyo reresi yitiriwe “ ireresi n’agateka k’umukenyezi” izofasha kandi mu guterera mu gutora umuti w’ ingorane abakenyezi bahura nazo mu buzima bwabo bwa minsi yose.

Iyo reresi ifise ibice bitandukanye hakaba hari igice cerekana umwigeme atamba ingoma, igice c’abana bafatwa nabi n’abavyeyi babo bigatuma bata imiryango, hamwe n’igice c’ingene abakenyezi bakubakurwa mu ngo.

Tubibutse ko iyo reresi izokwerekanwa ku mashure y’isumbuye ashika ku 60, ikaba yatanguye kwerekanwa kuva kw’igenekerezo rya 28 Ndamukiza, ico gikorwa kikazohera kw’igenekerezo rya 13 Ruheshi 2017


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.