« Reta n’abikorera ivyabo ntibafata mu mugongo abakina amareresi »

Yanditswe na BUKURU Pacifique
Kuya 19 janvier 2018 saa 09:11
18495
0 0

Mu gihe isabukuru y’amareresi mu Burundi (FESTICAB) ryugururiye imiryango abakora amareresi ngo batangure gutanga ireresi zizoja mw’ihiganwa rigiye kuba mu kwezi kwa Rusama, Richard NIYONGABO batazira TUGURU, umwe mubahinyanyuzi b’amareresi akongera akanayakina , amenyesha ko Reta n’amashirahamwe y’abikorera utwabo badafasha ku rugero rukwiriye kugira igisata co gukora amareresi muri rusangi, n’isabukuru FESTICAB bitere imbere.

Richard TUGURU avuga ko kubona isabukuru ry’amareresi mu Burundi rigeze ku ncuro yaryo igira cumi, ari intambwe nini ku bakozi n’abakunzi b’amareresi kuko vyerekana ko abakora amareresi bari ku bikorwa.

Naho bir’ukwo, TUGURU Richard aragwa akagaruka, akavuga ko abakora amareresi batoroherwa mu mwuga wabo, akavuga ko abatari bake basigaye bameze nk’abadebukiwe kubera atakintu kinini bakurayo, bivanye n’ukwo gukora ireresi bisanzwe bitwara uburyo bwinshi, bakabura ababafata mu mugongo.

Agirako asaba Reta n’abikorera utwabo gufasha cane ico gisata, ngo kanatsinda kiraterera cane mwiterambere ry’igihugu bivanye n’ukwo ibikinwa mu mareresi akenshi biba birimwo impanuro zubaka, zigatuma haba ihinduka z’inyifato n’ingeso na cane cane mu bakiri bato.

Richard NIYONGABO akaba amaze gutahukana udushimwe tutari duke mw’isabukuru FESTICAB, akaba yaranaronse akaryo ko guseruka mw’isabukuru ry’amareresi ryo mu gihugu ca Burkina Faso, mu mwaka uheze wa 2017


Kumenyekanisha

1
nkurikiye alice 30-04-2018 à 16:15

courage a vous les realisateurs et acteurs ibintu vyose ni bukbuk ariko imbere niheza...

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha