IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amatongo > Gitega: Abahawe ibibanza i Zege basabwe kwubaka inzu z’amagorofa

Gitega: Abahawe ibibanza i Zege basabwe kwubaka inzu z’amagorofa

mardi 3 Nzero 2017

Abanyagihugu bahawe ibibanza vyo kwubakamwo i Zege mu gisagara ca Gitega basabwe n’ubuyobozi bwo gutunganaya ibisagara n’uburaro mu karere ko hagati no mu buseruko kwubaka amazu agerekeranye muri ico kibanza.

Nkuko biri mw’itangazo ryateweko umukono na Ing Aime IRAMBONA, umuyobozi w’igisata kijejwe gutunganya ibisgara n’uburaro mu karere ko hagati n’ubuseruko, ni mu ntumbero yo guha igisagara ca Gitega ishusho nziza y’umurwa mukuru muvyo intwaro.

Iryo tangazo rimenyesha ko iyo ngingo iraba gusa ibibanza bitari bwubakwemwo kuva umunsi iyo ngigno ifatiweko.

Iryo tangazo rigasaba kandi n’abari bamaze kuronka uruhusha rwo kwubaka batari bwubake guhindura ibicapu vy’inzu bazokwubaka kugira baronke urundi ruhusha.


IGIHE

Messages

  • itangazo ry agahotoro ab uburyo buke. kuki ije haheze imyaka abaharonka baharonse. kuki abubatse bobo itabaraba. mbega abatarubaka ni bo bafise uburyo bwinshi bwo kubaka etage gusumvya abo baretse bakubaka izisanzwe kandi bobo ikaba itabaraba. Mbega gitega isumba bujumbura ko nahone ata quartier yiharije etage gusa kandi ari umugwa mukuru. hari abari baronse parcelle yambere muzi n ingene bigoye kuyironka, nibo babishobye cane kuburyo bobwirwa giturumbuka ko boca bahera kuri etage. Menya ibihe turimwo n uburyo abantu bafise¨! inyubako zisaba uburyo bwinshi, umuntu abimenyeshwa imbere yo kuharondera ikibanza, niko nibaza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.