IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amatongo > Umunsi wahariwe ikigazi mu Burundi ugiye guhimbazwa

Umunsi wahariwe ikigazi mu Burundi ugiye guhimbazwa

vendredi 1er décembre 2017

HAKIZIMANA Emmanuel n’umwe aba muri zone Minago, intara ya Rumonge, avuga ko kuko igiterwa c’ikigazi kibafasha mu buzima bwabo bwa minsi yose, kikabafasha kandi kwiyungunganya.

Uwo munyagihugu avuga ko abantu benshi babona ibiva mu kigazi nk’amavuta gusa, kandi gishobora kuvamwo n’ibindi vyinshi bishobora gufasha mu buzima bwa minsi yose bigashobora no gushorwa mu bindi bihugu, gutyo bikazanira amafaranga y’agaciro igihugu.

HAKIZIMANA Emmanuel arashima ko uwo munsi wahariwe ikigazi mu Burundi ugiye guhimbazwa, kuko uzotuma ikigazi citabwaho gusumba uko vyahora, kandi n’ibiva mu kigazi vyose bikamenyekana, gutyo abakirima bagatera imbere.

Mwomenya ko umunsi wahariwe ikigazi mu Burundi, watangujwe n’umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Deo Guide RUREMA, mu ntara ya Rumonge.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.