IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amatongo > Umushikiranganji w’ibikorwa vya Reta yasavye ko ingingo yo kwaka ibibanza (...)

Umushikiranganji w’ibikorwa vya Reta yasavye ko ingingo yo kwaka ibibanza abataravyubaka ihagarara

mercredi 13 juin 2018

Mw’ikete umushikiranganji Jean Bosco NTUNZWENIMANA yandikiye umuyobozi ajejwe gutunganya ibisagara kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 12 Ruheshi 2018, uwo mushikiranganji amenyesha ko ashima akigoro k’umuyobozi ko guhamagarira abantu guha agaciro ibibanza bahawe na Reta.

Naho biri ukwo, umushikiranganji w’ibikorwa vya Reta, kwunguruza abantu n’ibintu no gutunganya ibisagara, avuga ko bamaze gusoma amategeko agenga amatongo, basanze ingingo umuyobozi yari yafashe itubahirije amategeko mu bijanye n’ivyari biyanditswemwo n’ingene yari yanditse.

Umushikiranganji w’ibikorwa vya Reta, kwunguruza abantu n’ibintu no gutunganya ibisagara, asaba umuyobozi ajejwe gutunganya ibisagara ko mu minsi 30 yoba yatanze icegeranyo cerekana uko ibintu vyifashe mu makaritiye, imbere y’uko amatongo atwarwa hisunzwe amategeko agenga amatongo.

Kw’igenekerezo rya 29 Rusama 2018, ubuyobozi bukuru bujejwe gutunganya ibisagara n’uburaro, bwari bwamenyesheje ko abantu baronkejwe ibibanza vyo kwubakamwo mu gisagara ca Bujumbura bahawe ukwezi kumwe kugira ivyo bibanza bibe vyubatswe.

Mw’itangazo ryo kugabisha umuyobozi mukuru ajejwe gutunganya ibisagara n’uburaro yasohoye Emmerence NTAHONKURIYE yamenyesha ko muri ico kiringo c’ukwezi kumwe abafise ivyo bibanza bategerezwa kuvyubaka kandi bakavyubaka bakwirikije amategeko agenga ibisagara.

Emmerence NTAHONKURIYE yari yamenyesheje ko ico kiringo c’ukwezi kirenganye uwufise ikibanza ataracubaka azoca acakwa burundu.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Nyakubahwa Ministre yafashe ingingo nziza kuko hari mu ma "Quartiers" amamwe ahantu conditions zitaraba réunies kugirango bubake bose : hariho ahatagira amazi n’amatara, harih’aho ata biraro biri ku mifurege bikaba ari intambamyi y’ingene umuntu yojabukana ibikoresho vyo kwubaka n’ibindi. Na crédit ntawoyironka mu kwezi kumwe, ....

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.