Indege ya Tanzaniya igiye gutangura ingendo i Bujumbura

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 1er Myandagaro 2017 saa 12:19
Yasomwe : 15498
0 0

Umuyobozi mukuru ajejwe indege za Reta mu gihugu ca Tanzaniya Ladislas MATINDE amenyesha ko indege y’igihugu ca Tanzaniya igiye gutangura kugira ingendo mu Burundi.

Ladislas MATINDE amenyesha ko iyo ndege izotangura kugira urugendo iva mu gisagara ca Dar-Es-Salaam iza I Bujumbura mu ntangao z’uku kwezi kwa Myandagaro 2017.

Umuyobozi mukuru ajejwe indege za Reta avuga ko urugendo rw’indege iva I Dar-Es-Salaam ija I Bujumbura ari akaryo keza ko kwongereza ubutunzi bw’igihugu.

Ingendo z’indege ya Tanzaniya zizotangurira mu ntara ya Kigoma ihana urubibe n’igihugu c’Uburundi mu bumanuko.

Iyo nging ifashwe inyuma y’iminsi mike umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA agize urugendo mu gihugu ca Tanzaniya,umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Pombe MAGUFURI yavuze ko bikwiye ko igihugu ca Tanzaniya n’Uburundi bitegerezwa gukomeza imigenderanire na cane mu bijanye n’ubutunzi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha