Kenya : Abakozi bo ku rwego rwo hejuru bagabanijwe imishahara

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 10 juillet 2017 saa 04:20
Yasomwe : 4149
0 0

Umugwi ujejwe imishahara n’utundi dushirukabute ku bakozi ba Reta mu gihugu ca Kenya, wamenyesheje ingene imishahara y’abakozi bo ku rwego rwo hejuru barimwo umukuru w’igihugu n’abashingamateka yagabanijwe.

Umukuru w’umurwi Sarah Serem, avuga ko ubwo buryo bushasha bwo kuriha abo bakozi, buzotuma igihugu kigarukana amafaranga imiliyoni 80 z’amadolare mu kigega ca Reta.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC,amenyesha ko uwo murwi wamenyesheje ko umukuru w’igihugu agiye guhembwa imiliyoni 1.4 vy’amashiringi (amadolari 14000) ku kwezi ,akaba avuye ku madolare 15000 ; icegera ciwe nawe akazohembwa imiliyoni 1.2 z’amashilingi (amadolari $12000).

Ayo makuru nyene, amenyesha ko abashikiranganji bazohembwa 924000 vy’amashiringi ($9240), umukuru w’inama nshingamateka agahembwa imiliyoni 1.1 z’amashiringi ($11000), abarongoye intara 924000 vy’amashiringi ($9240).

Abandi bagabanijwe imishahara ni abahanuzi mu ntara bazohembwa 144000 vy’amashiringi bavuye ku 165000 vy’amashiringi.

Uwo mugwi wakuyeho kandi udushirukabute two kwiyunguruza twahabwa abarongoye intara hamwe n’abashingamateka.

Iyo ngingo izotangura kuja mu ngiro kw’igenekerezo rya 8 Myandagaro 2017.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha