Kenya: Abanyagihugu bazindukiye mu matora

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 8 Myandagaro 2017 saa 11:51
Yasomwe : 4176
0 0

Kuva mu gatondo ko kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 8 Myandagaro 2017, abanyagihugu mu gihugu ca Kenya bazindukiye mu matora. Abakurikiranira hafi ayo matora bamenyesha ko uwahora atwara igihugu Uhuru Kenyatta n’uwo bahiganwa Raila Odinga begeranye mu mahirwe yo gutsinda amatora.

Kuva igihe c’isaha icumi na zibiri z’igitondo ibiro vy’itora vyari vyuguruye, abantu imiriyoni 20 akaba aribo bari biteguriye gutora umukuru w’igihugu n’abashingamateka n’abakenguzamateka n’ababaserukira ku rwego rwo hasi.

Kuva kuri uno wa mbere igenekerezo rya 7 Myandagaro 2017,ibikoresho bikoreshwa mu matora vyari vyatanguye gutangwa mu bibanza bitandukanye ahabera amatora mu gihugu cose.

Ku ruhande rumwe, abanyagihugu bizeye ko amatora aba mu mutekano abandi bakamenyesha ko bishobora kugenda nabi kubera ubuhinga bwa none.

Mu mwaka wa 2007,inyuma yo gutangaza ivyavuye mu matora ko Mwai Kibaki yatsinzwe, haciye haduka imigumuko ituma hari abanyagihugu bitaba Imana.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha