Kenya:Abanywanyi ba Uhuru Kenyatta biyamirije intsinzi bibwe

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 19 Nyakanga 2017 saa 04:54
Yasomwe : 14355
0 0

Abanywanyi b’umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta batunganije imyiyerekano ku mugwa mukuru Nairobi biyamiriza ingingo yafashwe na sentare ntahinyuzwa yo gufuta ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu aheruka kuba mur’ico gihugu aho bavuga ko abacamanza ba sentare ntahinyuzwa babivye intsinzi y’abo.

Amakuru ava aho mu gihugu ca Kenya amenyesha ko iyo myirekano yateguwe mu gihe kimwe mu bimenyeshamakuru vy’aho muri Kenya caheruka gusohora amakuru avuga ko abacamanza babiri ba sentare ntahinyuzwa aribo Philemon Mwilu na Isaac Lenaola baheruka kwemeza ko amatora yosubirwamwo ko bahuye baragira ibiganiro n’abashingwamanza ba Raila Odinga igihe humvirizwa urubanza rwo kwiyamiriza intsinzi ya Uhuru Kenyatta.

Bivugwa kandi ko hari amajwi yafashwe y’ibiganiro vyaciye kuri terefone yemeza ko habaye imigenderanire hagati y’abacamanza n’abashingwamanza baburanira uwutavuga rumwe na Reta ya Uhuru Kenyatta mu gihe urubanza rwari rushashe.

Mu gihe c’iyo myiyerekano, abayitavye batwaye ibirego muri sentare ababuranira Raila Odinga basanzwe bakoreramwo basaba ko hoba gukwirikirana uko abacamanza bitwara.

Tubibutse ko sentare ntahinyuzwa yafashe ingingo yo gufuta ivyavuye mu matora yo kuwa 8 myandagaro 2017 yari yatsinzwe n’umukuru w’igihugu,imbere yo gushikiriza ko yaranzwe n’utunenge hamwe no kudakwirikiza amategeko.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha