IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya : Abaporisi batanu bishwe n’abarwanyi ba Al-Shabab

Kenya : Abaporisi batanu bishwe n’abarwanyi ba Al-Shabab

vendredi 2 mars 2018

Amakuru dukesha urubuga ngurukanabumenyi rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko, ubutegetsi buvuga ko ico gitero cakozwe mw’ijoro ryo kur’uyu wa kane igenekerezo rya 1 Ruhuhuma, mw’ijoro,kw’ikambi zibiri z’igipolisi ziri muri ako karere.

Ayo makuru ya BBC, amenyesha ko icegera c’uwurongoye intara, Eric Oronyi, yavuze ko abateye bashika 70 bari bitwaje inkoho, baca batangura gusambura igikoresho gifasha mu guhanahana amakuru, mu nyuma batera ayo makambi.

Eric Oronyi,icegera c’uwurongoye intara ya Mandera, yavuze ko uburaro bwinshi bwo muri izo kambi z’igiporisi bwaturiwe.

Umuhari Al Shabaab uramaze kwemanga urupfu rw’abantu mirongo, biciwe mu ntara ya Mandera mu mwaka uheze wa 2017.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Mpore Mpojeje Abomurikenya Bos Ataw Nkuyemwo Kuriryo Bara Ryaguye None Murico Gitero Ntanumwe Boba Barashoboye Gufata ?Hoho Murabo Bateye Ntanumwe Yoba Yarishwemo ?None Ntanagace Karashobora Kumenyekana Iyo Baje Baturuka ?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.