Kenya: Abatavuga rumwe na Reta bahuriye mu runani mu matora y’umukuru w’igihugu

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 29 Rusama 2017 saa 01:51
Yasomwe : 6570
0 0

Mu ntumbero yo guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu muri Kenya, abatavugarumwe na Reta batatu bahuriye mu runani NASA,inyuma yaho umurwi ujejwe gutegura amatora wemereje amazina yabo ko bashobora guhiganwa mu kibanza c’uwuzorongora igihugu ca Kenya.

Mu bari mu rurwo runani harimwo Raila Odinga akaba ari nawe aserukira urwo runani,yatangfuye ibikorwa vyo kwiyamamaza ku muhingamo wo kuw’Imana igenekerezo rya 28 Rusama,umwaka wa 2017.

Janette Obege ari mubagize urwo runani,yabwiye abari baje gushigikira imyiyamamazo ko bizeye gutsinda amatora kuko hari abandi batavuga rumwe na Reta bamaze kuja mu runani,muri abo harimwo abayoboke ba Isaac Ruto na Musalia Mudavadi.

Abahurikiye mu runani NASA bavuga ko bizeye intsinzi mu mtora ,kuko mu matora aheruka bari batandukanye ariko ubu bagiye hamwe kugira bagire urunani,kandi bizeye ko Raila Odinga azofasha abanyakenya,mu gihe bugarijwe n’ubukene.

Samuel Otieno ari mu batavugarumwe na Reta amenyesha ko ata cizere bafitiye umurwi utegura amatora kuko uhengamye,kandi n’amatora aheruka yatunganijwe ata muco urimwo.

Abari mu runani NASA basaba ko ibizova mu matora vyoshikirizwa mu turere two hasi,atari ku rwego rw’igihugu.

Amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu kwezi kw’umunani,uno mwaka wa 2017.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha