Home > Amakuru > Ubuseruko > Kenya: Hakozwe imyiyerekano yo gushigikira umugore yankiwe kwonsa (...)
Kenya: Hakozwe imyiyerekano yo gushigikira umugore yankiwe kwonsa umwana
Tuesday 15 May 2018
Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko abo bagore bagiye ku nzu y’uburiro Olive Restaurant aho uwo mugore avuga ko yasabwe kwifuka ariko aronsa umwana wiwe w’umwaka umwe.
Uwo mugore yaciye asangira iyo nkuru ku rubuga rwa Facebook, avuga ko yabwiwe ngo yonkereze umwana mu kazu ka surwumwe, aca yumva umengo arasuzuguwe.
BBC ivuga ko, iyo nkuru yashavuje abantu benshi ku murwa mukuru Nairobi n’ahandi, ku buryo haciye hatunganywa imyiyerekano, kur’uno wa kabiri igenekerezo rya 15 Rusama 2018.
Abarongoye iyo nzu y’uburiro basavye abantu gutekana ku bijanye n’ivyakorewe uwo mugore, basaba umwanya ngo bashobore gutorera inyishu ico kibazo.
MUGISHA Van Naris
Forum posts
15 May 2018, 21:59, by NSHIMIRIMANA RICHARD
UWO MUKENYEZI AKWIYE INDISHI YAK ABABARO KUKO YAHOHOTEWE , KUKO YARAKOZE ICO YATEGEREZWA GUKORA COKUMWONSA
17 May 2018, 00:19, by BOSCO
SHA KENYA BARATAYE UMUCO P!!!
17 May 2018, 21:14, by Sindayigaya Yoweli
Abo Bantu Bohanywa Baratukanye