Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya: Hakozwe imyiyerekano yo gushigikira umugore yankiwe kwonsa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Ubuseruko > Kenya: Hakozwe imyiyerekano yo gushigikira umugore yankiwe kwonsa (...)

Kenya: Hakozwe imyiyerekano yo gushigikira umugore yankiwe kwonsa umwana

Tuesday 15 May 2018

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko abo bagore bagiye ku nzu y’uburiro Olive Restaurant aho uwo mugore avuga ko yasabwe kwifuka ariko aronsa umwana wiwe w’umwaka umwe.

Uwo mugore yaciye asangira iyo nkuru ku rubuga rwa Facebook, avuga ko yabwiwe ngo yonkereze umwana mu kazu ka surwumwe, aca yumva umengo arasuzuguwe.

BBC ivuga ko, iyo nkuru yashavuje abantu benshi ku murwa mukuru Nairobi n’ahandi, ku buryo haciye hatunganywa imyiyerekano, kur’uno wa kabiri igenekerezo rya 15 Rusama 2018.

Abarongoye iyo nzu y’uburiro basavye abantu gutekana ku bijanye n’ivyakorewe uwo mugore, basaba umwanya ngo bashobore gutorera inyishu ico kibazo.


MUGISHA Van Naris

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.