Kenya: Ingingo ibuza ikoreshwa ry’udusaho twa plastike yatanguye kuja mu ngiro

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 28 Myandagaro 2017 saa 02:34
Yasomwe : 3339
0 0

Ingingo yo kubuza gukoresha udusaho twa plastike yatanguye kuja mu ngiro mu gihugu ca Kenya,uwuzofatwa ariko aradukoresha, ariko aratudandaza canke adufise azoriha ihadabu y’ibihumbi 38 vy’amafaranga y’abanyamerika canke agapfungwa imyaka 4.

Reta y’igihugu ca Kenya yasiguye ko, guhagarika gukoresha udusaho twa plastike bizofasha mu gukingira ibidukikije mu gihugu, naho nyene ku ruhande rw’amahinguriro akora ayo masaho bavuga ko abantu bashika ibihumbi 80 bazohatakariza akazi.

Iradiyo y’abongereza BBC,imenyesha ko naho hari abasavye ko ingingo ibuza abantu gusubira gukoresha udusaho twa plastike itoja mu ngiro, sentare yavyanse.

Ayo makuru nyene amenyesha ko iyo ngingo isa n’iyiriko irubahirizwa mu mazu manini manini y’ubudandaji ku murwa mukuru Nairobi, kuko hari ayandi masaho bagura kugira bayajanemwo ibidandazwa.

Bivugwa ko abanyagihugu b’igihugu ca Kenya bakresha amasaho ya plastike ashila imiriyoni 24 ku kwezi.Ibihugu nk’Urwanda, Mauritaniya na Eritreya biramaze guhagarika gukoresha udusaho twa plastike.

Bibaye ku ncuro ya gatatu mu myaka 10, aho igihugu ca Kenya kigerageza guhagarika ikoreshwa ry’udusaho dukozwe muri plastike.
.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha