Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya: Ishirahamwe CAF ryahagaritse urugendo ryari kugira kubera imvo (...)
Kenya: Ishirahamwe CAF ryahagaritse urugendo ryari kugira kubera imvo z’umutekano
lundi 4 Nyakanga 2017
Iyo ngingo y’Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika CAF yafashwe inyuma yaho sentare ntahinyuzwa yimye agaciro ivyavuye mu matora yabaye mu kwezi kw’umunani,aho Uhuru Kenyatta yari yatahukanye intsinzi.
Nick Mwendwa aserukira ishirahamwe ry’imigwi y’umupira w’amaguru mu gihugu ca Kenya yamenyesheje ko abaserukira ishirahamwe CAF bazobanza kurungika Constant Omari icegera ca kabiri c’uwuserukira CAF kugira abanze arabe uko vyifashe muri poritike imbere yuko igikorwa co kugenzura gikorwa.
Vyari bitegekanijwe ko Constant Omari ashika mu gihugu ca Kenya kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 3 Nyakanga 2017.
Tubibutse ko ihiganwa rya CHAN rijamwo abakinyi bakinira mu bihugu iwabo ,iryo mu mwaka uza ritegekanya kubera mu gihugu ca Kenya kuva kw’igenekerezo rya 12 nzero gushika igenekerezo rya 4 ruhuhuma 2018, ihiganwa ryaheruka rikaba ryari ryabereye mu gihugu c’Urwanda rikaba ryatahukanywe n’igihugu ca Repuburika iharanaira intwaro rusangi ya Kongo.
Vianney BIKORIMANA