Kenya : Kenya Airways yahawe uburenganzira bwo gushika muri Amerika idahagaze

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 16 janvier 2018 saa 12:51
11610
0 0

Ishirahamwe ryo mu gihugu ca Kenya ryunguruza abantu n’indege Kenya Airways ryahawe uburenganzira bwo gutanguza ingendo ziva ku murwa mukuru Nairobi zija i New York muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika ata hantu na hamwe indege ihagaze.

Bitanguye kuja mu ngiro, urwo rugendo ruzomara amasaha 15, mu gihe ingendo zahora zikorwa kuva i Nairobi uja i New York zahora zitwara hagati y’amasaha 20 na 21 kuko indege zagenda zirahagarara.

Vincent Coste ajejwe ubudandaji mu kigo Kenya Airways yamenyesheje ko ingendo ziyongereye ku bice 40 kw’ijana kuva mu mwaka wa 2016, aho abanyagihugu ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika bari mu bambere bagendera ico gihugu.

Uwo ajejwe ubudandaji muri ico kigo c’indege c’igihugu ca Kenya avuga ko urwo rugendo ruzotuma inyungu cahora kironka ziyongerako ibice 10 kw’ijana.

Mwomenya ko ishirahamwe Kenya Airways ibaye iya mbere ku mugabane wa Afrika y’Ubuseruko ironkejwe uburenganizra bwo gukora ingendo ata hantu na hamwe indege zayo zihagaze.


Kumenyekanisha

1
Joe 18-01-2018 à 22:35

Ethiopian nayo nyene irafise uburenganzira bwo kuva New York na Toronto ata hantu handI ihagaze.
Bonne nouvelle ku ngezi zija canke ziva muri Africa y’ubuseruko.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha