IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya:Raila Odinga yanse isango ry’amatora mashasha

Kenya:Raila Odinga yanse isango ry’amatora mashasha

mardi 5 Nyakanga 2017

Raila Odinga yasavye ko abagize umugwi w’igihugu utegura amatora bohindurwa kuko sentare ntahinyuzwa yerekanye ko uyo mugwi wavyifashemwo nabi mu matora aheruka vyatumye bimwe vyavuye murayo matora bigwizwa n’ubusa.

Umukuru w’umugwi ujejwe gutegura amatora mu gihugu ca Kenya Wafula Chebukati yamenyeshej ko ayo matora azokwitabwa n’abantu babiri aribo Uhuru Kenyatta hamwe na Raila Odinga.

Wafula Chebukati yavuze ati : “ Ntabandi bantu bashasha bazohiganirwa mu kibanza c’umukuru w’igihugu muraya matora mashasha ,azojamwo abanse ivyavuye mu matora aheruka bitwaye muri sentare aribo Raila Odinga na mugenzi we Stephen Kalonzo Musyoka hamwe na Uhuru Kenyatta na mugenzi we William Samoei Ruto nibo bonyene barekuriwe kuyajamwo”.

Umukuru w’umugwi ujejwe gutegura amatora Wafula Chebukati yamenyesheje kur’uno wa mbere igenekerezo rya 4 nyakanga 2017 ko amatora yimirije gusubirwamwo y’umukuru w’igihugu azoba kw’igenekerezo rya 17 gitugutu 2017 inyuma yaho sentare ntahinyuzwa yemeje ko amatora y’umukuru w’igihugu yabaye igenekerezo rya 8 myandagro 2017 yaranzwe n’utunenge.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.