Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya:Raila Odinga yanse isango ry’amatora mashasha
Kenya:Raila Odinga yanse isango ry’amatora mashasha
mardi 5 Nyakanga 2017
Raila Odinga yasavye ko abagize umugwi w’igihugu utegura amatora bohindurwa kuko sentare ntahinyuzwa yerekanye ko uyo mugwi wavyifashemwo nabi mu matora aheruka vyatumye bimwe vyavuye murayo matora bigwizwa n’ubusa.
Umukuru w’umugwi ujejwe gutegura amatora mu gihugu ca Kenya Wafula Chebukati yamenyeshej ko ayo matora azokwitabwa n’abantu babiri aribo Uhuru Kenyatta hamwe na Raila Odinga.
Wafula Chebukati yavuze ati : “ Ntabandi bantu bashasha bazohiganirwa mu kibanza c’umukuru w’igihugu muraya matora mashasha ,azojamwo abanse ivyavuye mu matora aheruka bitwaye muri sentare aribo Raila Odinga na mugenzi we Stephen Kalonzo Musyoka hamwe na Uhuru Kenyatta na mugenzi we William Samoei Ruto nibo bonyene barekuriwe kuyajamwo”.
Umukuru w’umugwi ujejwe gutegura amatora Wafula Chebukati yamenyesheje kur’uno wa mbere igenekerezo rya 4 nyakanga 2017 ko amatora yimirije gusubirwamwo y’umukuru w’igihugu azoba kw’igenekerezo rya 17 gitugutu 2017 inyuma yaho sentare ntahinyuzwa yemeje ko amatora y’umukuru w’igihugu yabaye igenekerezo rya 8 myandagro 2017 yaranzwe n’utunenge.
Vianney BIKORIMANA