Kenya: Raila Odinga yasavye abanywanyi kutarangura amabanga y’abubatse

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 19 Mukakaro 2017 saa 06:42
Yasomwe : 8667
0 0

Raila Odinga umwe mu bazokwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu mu gihugu ca Kenya,yasavye abanywanyi biwe kutarangura amabanga y’abubatse buca haba amatora.

Amakuru dukesha iradiyo y’abngereza BBC , amenyesha ko Raila Odinga azokwitoza ku ruhande rw’urunani NASA, yagereranije amatora nk’ingwano,amenyesha ko kurangura amabanga y’abubatse ugiye mu rugamba bidatanga umwimbu mwiza.

Yavuze ati:"Nta muntu numwe muri twebwe arekuriwe gukora imibonano mpuzabitsina buca haba amatora".

Ayo majambo yaybariye cane cane abahungu asigura ko bohava basiba kuja gutora,aca asaba abakobwa kutemera kurangura amabanga y’abubatse buca haba amatora.

Si ku ncuro ya mbere Raila Odinga asavye abanywanyi biwe kutarangura amabanga y’abubatse mu gihe c’amatora.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha