Kenya: Raila Odinga yemeye ko agiye kujana ibirego muri sentare

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 17 Myandagaro 2017 saa 08:38
Yasomwe : 2412
0 0

Raila Odinga yari yaserukiye urunani rutavuga rumwe na Reta ya Kenya NASA mu matora, amenyesha ko agiye kwitura ubutungane kugira yerekane neza ko amatora yabayemwo ubusuma.

Raila ODINGA yavuze ko biteguye kwigisha amahoro nk’uko bamye babikora, ariko ko ko bazokora n’ivyo barekurirwa n’amategeko bakagira imyiyerekano.

Raila ODINGA yaserukiye urunani NASA yavuze kandi ko mu ntumbero yo kwerekana biciye mu mutekano ko bibwe amatora, bazogandara, bafate umwanya w’agacerere bongere bavuze ingoma.

Inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu ca Kenya yabaye kw’igenekerezo rya 8 Myandagaro 2017 ,abashigikiye Raila Odinga baciye baja mu myiyerekano bamenyesha ko amatora yibwe,bituma abashika 10 bitaba Imana mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Nairobi.

Raila ODINGA yaronse amajwi 44,8 kw’ijana mu gihe Uhuru Kenyatta asanzwe arongoye igihugu ca Kenya yatsinze amatora ku majwi 54,3 kw’ijana.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha