IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya : Sentare Ntahinyuzwa yaneguye igikorwa c’umurwi utegura (...)

Kenya : Sentare Ntahinyuzwa yaneguye igikorwa c’umurwi utegura amatora

jeudi 21 Nyakanga 2017

Abacamanza ba sentare Ntahinyuzwa bavuze ko amatora yabaye kw’igenekerezo rya 8 Myandagaro 2017, atabaye ku mugaragaro kandi ko atashobora guhinyuzwa.

Icegera c’umukuru wa Sentare Ntahinyuzwa, Philomena Mwilu, yavuze ko umurwi utegura amatora IEBC utabanje guhinyuza ivyavuye mu matora imbere yuko ubitangaza.

Philomena Mwilu avuga ko umurwi utegura amatora IEBC udashobora gusigura ingene utashoboye kurungika ku buryo bwa none "électronique" ivyegeranyo 11000 vy’ivyavuye mu matora.

Yavuze kandi ko umurwi IEBC utubahirije ivyo sentare ntahinyuzwa yayisavye ngo hagenzurwe uburyo bwa none "électronique" bwakoreshwa mu kurungika ivyavuye mu matora.

Abo muri Sentare Ntahinyuzwa mu gihugu ca Kenya bavuga ko ata kundi bari kugira, atari ukugira impfagusa ivyavuye mu matora.

Uhuru Kenyatta yaronse amajwi 54% kuri 44% y’uwo bari bahanganye, Raila Odinga.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.