IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya : Sentare ntahinyuzwa yemeje ko Uhuru Kenyatta yatsinze (...)

Kenya : Sentare ntahinyuzwa yemeje ko Uhuru Kenyatta yatsinze amatora

lundi 20 novembre 2017

Abantu isinzi bashigikiye Uhuru Kenyatta batamvye abandi bararirimba bashimira abashingwamanza, aho bari bahagaze imbere y’ahakorera sentare ntahinyuzwa barindiriye kwumva ingingo ya sentare ntahinyuzwa.

Umucamanza David Maraga yavuze kw’izina ry’abacamanza batandatu bize kuri iyo ngingo, yavuze ko ivyari vyashikirijwe ko ayo matora atubahirije amategeko kandi yabayemwo utunenge basanze bidafashe.

Ku ruhande rw’abashigikiye Raila Odinga arongoye urunani NASA rutavuga rumwe na Reta nta n’umwe yari aho abandi bari banezerejwe n’intsinzi ya Uhuru Kenyatta, ariko bakabandaya bavuga basaba ko ayo matora afutwa kuko yabayemwo utunenge.

Bitegekanijwe ko Uhuru Kenyatta atwara igihugu kuva mu mwaka wa 2013 arahirira kurongora igihugu kw’igenekerezo rya 28 Munyonyo 2018, akazoca atwara igihugu mu kiringo c’imyaka itanu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.