Kenya: Sentare ntahinyuzwa yategetse ko amatora asubirwamwo

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 1er Nyakanga 2017 saa 11:34
Yasomwe : 15867
0 0

Sentare Ntahinyuzwa mu gihugu ca Kenya yashinze itegeko ko amatora y’umukuru w’igihugu yari yabaye kw’igenekerezo rya 8 Myandagaro 2017 asubirwamwo.

Amakuru dukesha iradiyo y’abafaransa RFI, amenyesha ko umukuru wa sentare ntahinyuzwa David Maraga yavuze ko amatora yabaye atubahirije ibwirizwa nshingiro baravye ingene yatunganijwe, ari naco gituma batahaye agaciro.

Amatora y’umukuru w’igihugu yari yatsinzwe na Uhuru Kenyatta yari asanzwe arongoye igihugu, arushije uwaserukiye urunani rw’abatavugarumwe na Reta Raila Odinga, amurushije amajwi umuriyoni 1,4.

JPEG - 39.4 ko
David MARAGA,umukuru wa sentare ntahinyuzwa muri Kenya

Bitegekanijwe ko umurwi utegura amatora uzotunganya ayandi matora mu minsi 60.


Kumenyekanisha

1
Ntahondi fabiyano 4-09-2017 à 06:29

Ngabo abashingantahe babushitse bijambo nijunja.
Atari babandi bahaniwacu batamikwa ijambo na Nkurunziza!
uburundi hamwe bwobamwo abashingantahe nkabo muri Kenya, uburundi bwocabwogorora.
Yasentare natahinyuzwa ya Nkurunziza yarikwiye kuhakurira icirwa,
ariko sinzi!, aribizohinduka bizohindurwa nabataravuka kuko abikigihe baramaze kwononekara mumitima kubwibiturire.

2
Magayane 2-09-2017 à 13:48

umwonibwo Butungane Tuba Dukeneye Nibarabe Akarorero Ubutungane Bwuburundi Nabwo Bugirire Ijambo Buve Mukwaha Kuwo Mugobo Pita Nakagwikiwe Ubutungane Bwa Kenya Ndabuhaye [email protected]/[email protected]

3
ben 2-09-2017 à 03:28

Pierre NKURUNZIZA amuteye umukoshi, puisque yabaye no1 gutanga congratulations avant que amajwi yaharuwe amenywa

4
ZAINABU Pice 1er-09-2017 à 20:00

Abacamanza b,abarundi nimurabire akarorero mu gihugu ca KENYA ingene ubucamanza bwigenga bo ntibatinya kuvuga ukuri naho hoba ari President w,igihugu

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha