Kenya : Sentare yumvirije abagirizwa kwiba amafaranga y’igisata c’urwaruka

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 29 mai 2018 saa 04:32
11520
0 0

Abantu 20 mu bagirizwa kunyuruza miliyoni 80 z’amadorare y’abanyamerika y’igisata c’igihugu kijejwe urwaruka "National Youth Service" (NYS) bashikanywe muri sentare mu gihugu ca Kenya.

Abo bantu bari kumwe n’abandi 30 bafatiwe hamwe, barimwo umuyobozi mukuru wa NYS, Richard Ndubai hamwe n’uwugenzura igisata c’ibibazo vy’urwaruka "Youth Affairs."

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko abo bantu bakurikiranwa batwawe muri sentare mu miduga umunani, bari kumwe n’abayobozi b’amashirahamwe atandukanye ya terefone ngendanwa akunze kwiba abanyagihugu.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko vyitezwe ko bishura ku vyagiriji bivuga ko batakaje imiriyoni 45.7 z’amadorare y’abanyamerika, ku miliyoni 80 z’amadorare zazimiye muri ico gisata c’urwaruka.

Bubaye ubwa kabiri haba ubusuma bw’amafaranga y’igihugu mu gisata c’urwaruka NYS muri ino myaka itatu.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha