Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya: Tanzaniya yemeye kurungika abaganga bafasha
Kenya: Tanzaniya yemeye kurungika abaganga bafasha
dimanche 19 Ntwarante 2017
Reta y’igihugu ca Tanzania imenyesha ko igiye kurungikira abaganga 500 igihugu ca Kenya, mu ntumbero yo kugifasha kugabanya ingaruka za yegereyegere y’abakozi bo mu bitaro n’amavuriro vya Reta.
Abategetsi b’igihugu ca Tanzania bavuga ko Reta y’igihugu ca Kenya ariyo izoriha imishahara y’abo baganga bava mu gihugu ca Tanzaniya ,yongere kandi ibarihire amafaranga y’uburaro bwabo.
Ishirahamwe ry’abaganga bo mu gihugu ca Kenya bamenyesheje ko banegura iyo ngingo y’igihugu ca Tanzaniya, rivuga ko Reta yashize imbere ingingo idaha agaciro inyungu z’abaganga bo mu gihugu ca Kenya badafise akazi.
Muri iyi ndwi niho hatangazwa ko abaganga bari bamaze amezi arenga atatu muri yegereyegere bumvikanye na Reta ya Kenya, iyo yegereyegere ica irahagarara.
Ariko abenshi muri abo baganga n’ubu ntirabasubira ku mirimo.
IGIHE
Messages
19 Ntwarante 2017, 13:48, par Saïdi Anicet
Burya Akananiye Umwe Kananira N’uwundi.Ico Catumye Bagira Yegereyegere Ni Co Cotuma N’abandi Bayitera!Ahubwo Ni Babatunganirize!
19 Ntwarante 2017, 19:29, par Ngusha
Nibabatware abo Ba Tanzania nanigoga babakingire ikiza cImvunja zibarembeje ntibobishobora bonyene