IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya: Tanzaniya yemeye kurungika abaganga bafasha

Kenya: Tanzaniya yemeye kurungika abaganga bafasha

dimanche 19 Ntwarante 2017

Reta y’igihugu ca Tanzania imenyesha ko igiye kurungikira abaganga 500 igihugu ca Kenya, mu ntumbero yo kugifasha kugabanya ingaruka za yegereyegere y’abakozi bo mu bitaro n’amavuriro vya Reta.

Abategetsi b’igihugu ca Tanzania bavuga ko Reta y’igihugu ca Kenya ariyo izoriha imishahara y’abo baganga bava mu gihugu ca Tanzaniya ,yongere kandi ibarihire amafaranga y’uburaro bwabo.

Ishirahamwe ry’abaganga bo mu gihugu ca Kenya bamenyesheje ko banegura iyo ngingo y’igihugu ca Tanzaniya, rivuga ko Reta yashize imbere ingingo idaha agaciro inyungu z’abaganga bo mu gihugu ca Kenya badafise akazi.

Muri iyi ndwi niho hatangazwa ko abaganga bari bamaze amezi arenga atatu muri yegereyegere bumvikanye na Reta ya Kenya, iyo yegereyegere ica irahagarara.

Ariko abenshi muri abo baganga n’ubu ntirabasubira ku mirimo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.