Kenya:Umukuru w’igihugu yashize ahabona bamwe mu bazoja muri Reta

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 6 janvier 2018 saa 10:17
12675
0 0

Inyuma y’amezi 2 umukuru w’igihugu ca Kenya atsinze amatora, yashize ahabona amazina ya bamwe mu bazoba bagize Reta yiwe,muri abo, hakaba harimwo abashikiranganji benshi bahora muri Reta yaheruka hamwe na bake bashasha yinjijemwo.

Umukuru w’igihugu UHURU Kenyatta yashize ahabona amazina 9,aca amenyesha ko mu minsi iri imbere ariho azoshikiriza urutonde rw’abagize Reta yose.

Abandi mu bagenywe na UHURU Kenyatta n’abayobozi bakuru b’ibisata bikuru vya Reta hamwe ‘abayobozi bakuru b’inzego zijejwe umutekano

Bamwe mu batakaje ibibanza vy’abo ni nk’umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’umushikiranganji ajejwe kwunguruza abantu n’ibintu.

Mwomenya ko umukuru w’igihugu ca Kenya yatsinze amatora yasubiwemwo ku ncuro ya kabiri igenekerezo rya 26 Gitugutu 2017,inyuma yaho uwo bahiganwa mu matora Raila Odinga yanse ivyavuye mu matora ya mbere, avuga ko yaranzwemwo utunenge twinshi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha