Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Umukuru w’igihugu ahamagarira abanyagihugu guhagararira amahoro (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya : Umukuru w’igihugu ahamagarira abanyagihugu guhagararira amahoro (...)

Kenya : Umukuru w’igihugu ahamagarira abanyagihugu guhagararira amahoro n’umutekano

samedi 2 Nyakanga 2017

Umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta yahamagariye abanyagihugu ko boguma bafatanye mu nda umubanyi akaguma ari umubanyi, umugenzi akaguma ari umugenzi bataravye ubutandukane bwabo haba ubw’ivyiyumviro vya poritike canke ivy’idini.

Uhuru Kenyatta yavuze ko atemera urubanza sentare yaciye ariko akaba yavuze ko yemeye ingingo yafashwe na Sentare Ntahinyuzwa kandi ko biteguye gusubira mu banyagihugu kwiyamamaza bafise imigambi nk’iyo babashikirije ubwa mbere mu ntumbero yo guteza imbere igihugu.

Mwomenya ko sentare ntahinyuzwa y’igihugu ca Kenya yashikirije ko amatora y’umukuru w’igihugu yagiyemwo utunenge inyuma y’aho uwutavuga rumwe na Reta Raila Odinga yitwaye muri iyo sentare amenyesha ko Uhuru Kenyatta yatsinze ayo matora biciye mu busuma bw’abantu binjiye mu mashine nyabwonko z’umugwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora, bahindura ibiharuro vy’amajwi bayaha Uhuru Kenyatta.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.