Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya : Umukuru w’igihugu ahamagarira abanyagihugu guhagararira amahoro (...)
Kenya : Umukuru w’igihugu ahamagarira abanyagihugu guhagararira amahoro n’umutekano
samedi 2 Nyakanga 2017
Umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta yahamagariye abanyagihugu ko boguma bafatanye mu nda umubanyi akaguma ari umubanyi, umugenzi akaguma ari umugenzi bataravye ubutandukane bwabo haba ubw’ivyiyumviro vya poritike canke ivy’idini.
Uhuru Kenyatta yavuze ko atemera urubanza sentare yaciye ariko akaba yavuze ko yemeye ingingo yafashwe na Sentare Ntahinyuzwa kandi ko biteguye gusubira mu banyagihugu kwiyamamaza bafise imigambi nk’iyo babashikirije ubwa mbere mu ntumbero yo guteza imbere igihugu.
Mwomenya ko sentare ntahinyuzwa y’igihugu ca Kenya yashikirije ko amatora y’umukuru w’igihugu yagiyemwo utunenge inyuma y’aho uwutavuga rumwe na Reta Raila Odinga yitwaye muri iyo sentare amenyesha ko Uhuru Kenyatta yatsinze ayo matora biciye mu busuma bw’abantu binjiye mu mashine nyabwonko z’umugwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora, bahindura ibiharuro vy’amajwi bayaha Uhuru Kenyatta.
Vianney BIKORIMANA