Kenya: Umurwi utegura amatora wemeje ko amatora ategerezwa kuba

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 25 October 2017 saa 05:04
Yasomwe : 6399
0 0

Umugwi w’igihugu utegura amatora mu gihugu ca Kenya IEBC wamenyesheje kuruno wa gatatu igenekerezo rya 25 gitugutu 2017 ko amatora agira kabiri ategekanijwe ejo aho bukera ku musi wa kane ko azoba atagisivya.

Ivyo vyashikirijwe inyuma yaho sentare ntahinyuzwa itashoboye kuronka igitigiri c’abacamanza basabwa kugira bumvirize urubanza rw’abantu batatu bituye iyo sentare basaba ko ayo matora yunguruzwa mu vyo bashikiriza bavuga ko uyo mugwi ujejwe amatora utaraheza kwitegura bikwiye.

Amategeko yaho mu gihugu ca Kenya ategekanya ko abacamanza 5 nibo bashobora gufata ingingo ku kintu carico cose.

Abacamanza basanzwe baburanira imigambwe itavuga rumwe na Reta bashikirije ko kubona uyo mugwi wemeje ko amatora azotegerezwa kuba ari iterabwoba .

Tubibutesko umukuru w’abatavugarumwe na Reta ,Raila Odinga, yasavye abayoboke biwe kutazokwitaba ayo matora ategekanijwe aho ashikiriza ko ivyo basavye ko abarongoye umugwi ujejwe gutegura amatora bohindurwa bitigeze vyumvirwa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha